Inyishu ku Bibazo Vyanyu
◼ Ishengero ryoba rikwiye kumanika mu Ngoro y’Ubwami ikarata y’icibare cose ryakebewe?
Egome, ikarata y’icibare cose irakwiye gushirwa mw’ikadere maze ikamanikwa ku ruhome mu Ngoro y’Ubwami. Iyo karata ntikwiye gushirwa ku kibaho c’amatangazo. Ikwiye kwerekana imbibe zose z’icibare ishengero ryakebewe n’imbibe z’icibare umuntu ashingwa cose hamwe n’inomero cahawe. Imbibe z’ivyibare vy’amashengero yose akoresha Ingoro y’Ubwami imwe zikwiye kwerekanwa. Ivyo bizofasha abamamaji n’abashimishijwe bashasha kumenya icibare c’ishengero babamwo ico ari co. Kwerekana aho Inyigisho z’Igitabu z’Ishengero ziherereye kw’ikarata na vyo nyene bizofasha bose kumenya aho inyigisho y’igitabu bakukira iherereye. Iyo karata ikwiye kwama ihujwe n’igihe.
Gushira ahabona mwene iyo karata birafasha mu kwibutsa abamamaji bose yuko vyoba vyiza, nimba bishoboka, ko umwe wese agira icibare ciwe bwite yakebewe. Nya karata ni kirumara ku bashaka guhitamwo icibare hafi y’iwabo. Rimwe na rimwe vyoshobora gufasha gucungura umwanya ku makoraniro y’ugusohoka mu murimo, bigashoboza umurongozi kwerekeza bidatevye umugwi w’abamamaji mu karere k’aho bakebewe gukorera.
Iyo karata kandi iratanga ikimenyamenya c’uko ishengero ritunganijwe kugira rikwiragize ubutumwa bw’Ubwami bimwe binogangije mu cibare ryakebewe.—Luka 9:6.