Ibikoresho Vyigisha, Bivyura Ingiro, Kandi Bikomeza
1 Birafise ububasha bwo kwigisha abantu ivyerekeye Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova. Vyaravyuriye ingiro benshi yo gufata impagararo ishikamye ku bw’ukuri. Vyarakomeje ukwizera n’ugukenguruka kw’abasavyi b’Imana bayiyeguriye. Ivyo ni ibiki? Ni amavidewo ahingurwa n’ishirahamwe rya Yehova. Woba warayaravye yose uko ari icumi? Uheruka kuyaraba ryari? Woba uyakoresha mu busuku bwawe? Isohorwa rya videwo igira 11, yitwa Our Whole Association of Brothers (Umuryango Wacu Wose w’Abavukanyi), yaratangajwe kw’ihwaniro ry’intara. Woba waragize komande yayo? Worushiriza kwungukira gute kuri ivyo bikoresho vy’akaroruhore?
2 Ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 1999 cavuga ngo “Nimwigire Hamwe Ijambo ry’Imana mu Muryango Mudahorereza” casavye “gufata ku mwanya w’inyigisho kugira ngo murabe igihimba c’imwe mu mavidewo ntanganyigisho y’Ishirahamwe . . . hanyuma mukakiganirako.” Mu guhuza n’iyo mpanuro nziza, ividewo imeze ukundi izovugwa ku Makoraniro y’Umurimo buri kundi kwezi kwose. Turaremesheje umwe wese mw’ishengero ngo arabe iyo videwo mu rugo imbere y’uko iganirwako kw’Ikoraniro ry’Umurimo.
3 Uku kwezi tuzotangurira kuri videwo ya mbere twahinguye yitwa Les Témoins de Jéhovah: un nom une organisation. (Ivyabona vya Yehova—Ni Izina n’Ishirahamwe) Yirabe wongere utege amatwi inyishu z’ibi bibazo:
◼ Ivyabona vya Yehova bazwi neza ku biki?
◼ Ikintu cose gikorerwa kuri Beteli gifitaniye isano n’ikihe canditswe?
◼ Ni iyihe nkuru ya Bibiliya wabonye iriko irakinwa, irafotorwa, hanyuma igashushanywa kugira ngo ikoreshwe mu bisohokayandikiro?
◼ Ni iki kigukwegera ku vyerekeye uburyo ivyandikano vyacu bitegurwa?
◼ Kuva mu 1920 gushika mu 1990, Sosiyete yacapuye ivyandikano bingahe?
◼ Mu basavyi b’Imana ni bande canecane bakwiye kwegereza gukwiza ibisabwa ku bw’igikorwa co kuri Beteli?—Imig. 20:29.
◼ Ni mu buhe buryo umuryango wa Beteli utanga akarorero gahebuje kokurikizwa n’Ivyabona vya Yehova bose?
◼ Ni iki kigutangaza ku vyerekeye igikorwa gikorerwa kuri Beteli co gushikira abantu benshi bashoboka ngo tubabwire inkuru nziza?
◼ Amahera akoreshwa mu gikorwa kirangurirwa kw’isi yose ava hehe?
◼ Ni ikihe gikorwa dushobora gushigikira tubigiranye umwete, kandi twobigirana akahe gatima?—Yoh. 4:35; Ivyak. 1:8.
◼ Wiyumvira iki ku vyerekeye ishirahamwe ryitirirwa izina ryacu?
◼ Wokoresha gute iyi videwo mu busuku?
Muri Kigarama tuzosubira kuvuga ivya ya Videwo yitwa La Bible: de l’histoire vraie, des prophéties fiables (Bibiliya—Inkuru Nyakuri n’Ubuhanuzi bwo Kwizigirwa).