Gutsimbataza Ugushimishwa Kwavyuwe n’Inkuru z’Ubwami No. 36
1 Woba warahejeje Inkuru z’Ubwami No. 36 wari wahawe kugabanganya? Zirabaza ikibazo gihuye n’igihe bose bashobora kuzirikanako, kigira kiti: “Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?” Uko umwaka w’2000 waza uregereza, ivyari vyitezwe yuko vyozanywe n’ikimpumbi gishasha vyari bitandukanye cane. Inkuru z’Ubwami No. 36 zirarimbura bimwebimwe muri ivyo vyari vyitezwe zikongera zikatwibutsa yuko uko ibintu vyifashe mw’isi kudatanga ishimikiro ryo kubona ko ibintu bizogenda neza. Ikimpumbi conyene kizozana amahoro n’umutekano abantu benshi barondera ni Ingoma ya Kirisitu Yezu y’Imyaka Igihumbi. Icizigiro cacu kitari umugani cerekeye Ubwami bwiwe caratugobereye kugabanganya Inkuru z’Ubwami No. 36 ku muntu wese dushobora gushikira.
2 Uko Inkuru z’Ubwami Zakiriwe: Amagabanganywa y’Inkuru z’Ubwami yaheze yagaragaye ko ari ikintu ciza kituvyurira ingiro mu gikorwa cacu. Ku vyerekeye Inkuru z’Ubwami No. 35, Ishami ryo muri Kanada ryanditse riti: “Iryo sekeza ridasanzwe ryarashigikiwe mu buryo buranga igishika n’abamamaji hamwe n’abatsimvyi mu ndimiro, kandi ivyabonywe vyinshi biremesha vyarinovowe.” Nta mazinda yuko mwerekanye igishika nk’ico mw’igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36.
3 Isekeza ry’Inkuru z’Ubwami ry’ubu ritegekanywa kurangira ku wa 17 Munyonyo 2000. Mbega icibare cakebewe ishengero ryanyu coba carahetuwe cose? Nimba kitaraheturwa, abakurambere barashobora kubasaba kubandanya iryo sekeza gushika ku mpera z’ukwezi kwa Munyonyo.
4 Inyifato y’abari mu karere kanyu ku bijanye n’igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36 yabaye iyihe? Abantu bakeyi ni bo bazokwuzuza agace kandikwamwo aderese maze basabe ikopi y’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke inyigisho ya Bibiliya yo ku muhana canke vyompi. Ariko rero, benshi mu bagaragaza buno nyene ko bashimishijwe n’ikiganiro c’ikimpumbi bisa n’uko batagira ico bakoze kiretse igihe icabona ca Yehova asubiye kubagendera. Abagaragaje ugushimishwa bose bakwiye gusubira kugenderwa. Igihe ciza co gukora ivyo coba ikihe? Ugusubirayo gukwiye kuba vuba bishoboka.
5 Raba ibi vyabonywe vyavuye mu gusubira aho Inkuru z’Ubwami No. 35 zari zarasizwe. Umutsimvyi umwe wo muri Irilande yasigiye Inkuru z’Ubwami nyene iresitora. Uwo mugore yaratangajwe n’ubwo butumwa hanyuma asaba uwo muvukanyikazi kugaruka. Nya muvukanyikazi yasubiyeyo haciye imisi ibiri, hanyuma inyigisho ya Bibiliya iratanguzwa. Muri Danemarike, ikopi y’Inkuru z’Ubwami yasizwe ku nzu aho ata n’umwe yari i muhira. Kuri uwo musi nyene umugore yaba aho hantu yararungitse ku biro vy’ishami agace kayo kandikwamwo aderese, na vyo bikarungikira ishengero ry’aho aba. Imbere y’uko umushamvu urangira, abavukanyikazi babiri baramugendeye, inyigisho iraringanizwa, maze nya mugore aritaba ikoraniro ku Ngoro y’Ubwami ari bwo bwa mbere!
6 Ico Wovuga Igihe Usubiyeyo: Kugira isubirayo aho wasize Inkuru z’Ubwami biroroshe cane kandi ni umuce uteye umunezero w’ubusuku bwacu. Mu gihe ugira ivyo, vyoba vyiza kwitwaza ikopi y’Inkuru z’Ubwami No.36, kubera yuko uwo wasanze kuri uwo muhana yoshobora kuba adafise ikopi yiwe. Woshobora kugerageza aya magirenama:
7 Umaze kwibutsa uwo wasanze ku muhana uwo uri we, woshobora kuvuga uti:
◼ “Narasize agapapuro gafise umutwe uvuga ngo ‘Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?’ Mbega ntivyari ibiremesha gusoma yuko ubu bwa vuba Ingoma ya Kirisitu Yezu y’Imyaka Igihumbi izotangura, ikazana Iparadizo kw’isi? [Niwerekane amashusho y’Iparadizo ari mu Nkuru z’Ubwami No. 36.] Ku rupapuro rw’inyuma, bagutumirira gusaba ikopi y’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?” Niwerekane ako gatabu, uzingurure ku cigwa ca 5, usome ikibazo ca mbere n’ingingo ya 1 be n’iya 2, hanyuma usabe uwo wasanze ku muhana agire ico avuze. Nusome maze muganire ku canditswe kimwe canke bibiri. Niba bishoboka, niwihweze ikindi kibazo n’ingingo, maze uringanize ivyo kuzosubirayo hanyuma mubandanye ico kiganiro.
8 Kubera yuko Agatabu “Ni Ibiki Imana Idusaba?” canke igitabu “Ubumenyi” ari vyo bizoca bitangwa muri Munyonyo, woshobora kuvuga uti:
◼ “Igihe mperuka kukugendera, nagusigiye ikopi y’ ‘Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?’ Irimwo ahantu hagusaba kugirirwa inyigisho ya Bibiliya i muhira iwawe ataco urishe. Ngarutse kugira ngo nkwereke ikintu dukoresha gifasha mu kwiga. [Niwerekane agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?, uheze uje ku gipfukisho c’inyuma; canke werekane igitabu Ubumenyi, uheze uzingurure ku rupapuro rw’188-189.] Imyaka igihumbi ivugwa muri Bibiliya izozana ibintu nk’ibi wibonera kuri aya mashusho. Kugira dukwize ibisabwa ngo tuzobe mw’Iparadizo, turakeneye kwironsa ubumenyi nyakuri bwerekeye Imana. Ndakwinginze unkundire nkwereke muri make ukuntu twiga Bibiliya.”
9 Igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36 ryadusunikiye kwongerereza ukugira uruhara kwacu mu busuku, bivamwo ugushinga intahe nini. Biboneka ko ivyo vyavyuye ugushimishwa kw’abantu benshi mu cibare. Dufashijwe na Yehova, utwigoro twacu dushizwe hamwe two gutsimbataza ukwo gushimishwa, bizotuma duhimbarwa no kuronka abantu bameze nk’intama benshi kuruta.—Mat. 10:11; Ivyak. 13:48, 49, 52.