“Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?”
1 Ico kibazo kimaze imisi mu mizirikanyi y’abantu hirya no hino kw’isi. Naho abantu baranguye vyinshi mu binjana n’ibindi, barihebuye kubera ko ingorane z’ishimikiro zimaze ibimpumbi ziteza ivyago abantu, ataho ziraja. (Yobu 14:1; Zab. 90:10) Ni hehe abantu bokura gitabara?
2 Mu kwezi kwa Gitugutu na Munyonyo, tuzoba dufise akaryo kadasanzwe ko kuronsa ababanyi bacu inyishu kuri ico kibazo. Gute? Biciye kw’igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36. Ifise umutwe uvuga ngo “Ikimpumbi Gishasha—Kazoza Wewe Kakubikiye Iki?” Mu gice ca mbere c’ukwezi kwa Gitugutu, Tuzotanga ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! Hanyuma kuva ku wa Mbere igenekerezo rya 16 Gitugutu gushika ku wa Gatanu igenekerezo rya 17 Munyonyo, tuzoja mu vy’igabanganywa rinini ry’Inkuru z’Ubwami No. 36. Muri iryo sekeza, tuzokwitunira ku gushikiriza Inkuru z’Ubwami No. 36 mu misi yo hagati mu ndwi. Ku mawikendi, tuzoyishikiriza kumwe n’ibinyamakuru biherutse gusohoka.
3 Woba Uzobigiramwo Uruhara mu Buryo Bwuzuye? Abakurambere, abakozi b’ishengero be n’abatsimvyi bazokenera kuba imboneza muri iryo sekeza, kubera yuko ari bo bari ku murongo w’imbere muri ico gikorwa. Abamamaji benshi baragize ico bahinduye ku vyabo kugira ngo bakore ubutsimvyi bwo gufasha mu kiringo c’ukwezi kumwe canke c’ayo mezi yompi iryo gabanganya rizoberamwo. Mu vy’ukuri none, ni kuki kubikora utobigira intumbero? Abandi barateganya kumara umwanya munini kuruta uko bahora mu busuku.
4 Abarongozi b’Inyigisho y’Igitabu y’Ishengero barashobora gukoreshwa mu kuremesha umuntu wese mu bagize imigwi yabo kugira uruhara mu buryo bwuzuye mw’igabanganywa ry’Inkuru z’Ubwami No. 36. Hoshobora kuba hari abamamaji bamwebamwe bahororokewe mu gikorwa co kwamamaza. Abakurambere barakwiye kubagendera kugira ngo barabe icoshobora gukorwa ngo babafashe. Muri ayo mezi, harashobora kugirwa indinganizo z’uko hogira umwamamaji abimenyereye aherekeza mu ndimiro umuntu wese yari yarahororokewe. Uburyo bworoshe bwo gushikiriza Inkuru z’Ubwami No. 36 bwoshobora kuba ari bwo nyene bukenewe kugira ngo abo bamamaji bongere kuvyurirwa umwete.
5 Ako kazoba kandi ari akaryo keza k’uko abatohoji ba Bibiliya bagejeje kure igitabu Ubumenyi kandi bakwije ibisabwa vyo kuba abamamaji batarabatizwa batangura kugira uruhara mu busuku. Mbere n’abakiri bato barashobora kugira uruhara rushimishije muri ico gikorwa gikabura.
6 Ishikiriza ryoroheje ni ryo gusa usanga rikenewe. Woshobora kuvuga uti:
◼ “Natanze igihe canje ndavyigombeye kugira ngo mfashe mu gukwiragiza ubu butumwa buhambaye cane ku muhana wose wo mu [izina ry’igisagara, canke ry’intara]. Iyi ni ikopi yanyu. Turabinginze muyisome.” Birashobora kuba nzanakunguko udatwaye isakoshi ujana mu ndimiro igihe ugabanganya Inkuru z’Ubwami No. 36.
7 Amakoraniro Ateguwe Neza yo Kuja mu Murimo wo mu Ndimiro: Abakurambere bategerezwa kuraba neza yuko indinganizo zo gushinga intahe ari izibereye kandi kirumara. Umucungezi w’umurimo akwiye canecane kuraba neza yuko hariho ivyibare bikwiye vyo gukoreramwo inzu ku nzu n’ibigirirwamwo ubudandaji, kugira ngo umuntu wese ashobore kugira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa. Aho bishoboka hose, amakoraniro yo kuja mu murimo arakwiye gutunganywa ku musi umwumwe wose wo hagati mu ndwi, ku mawikendi, no ku migoroba. Harashobora kugirwa indinganizo zo kuza murahura ku mugoroba ku neza y’abanyeshure, abakora bakurakuranwa, n’abandi.
8 Icokorwa ku bw’Abo Tudasanga i Muhira: Intumbero yacu ni iyo kubwira abanyamihana benshi bashoboka. Niba ata n’umwe usanze ku muhana igihe uwugendeye, niwandike aderese hanyuma uze uwugendere mu yandi masaha y’umusi. Niba gushika mu ndwi ya nyuma y’isekeza utashoboye kuvugana n’abo kuri iyo mihana, urashobora kubasigira ikopi y’Inkuru z’Ubwami No. 36 ahantu abahita badashobora kuyibona. Abakurambere b’iwanyu boshobora kumbure kubwira ishengero gusiga ikopi y’Inkuru z’Ubwami No. 36 ku mihana idasanzweko abantu ku ncuro ya mbere igendewe mu gihe ririko rirakorera mu turere two mu gihugu hagati be no mu turere turimwo icibare gisumba icoshobora guheturwa muri iryo sekeza.
9 Nitugire Vyinshi Dukora! Amashengero akwiye kwihatira guhetura icibare cayo imbere y’uko isekeza rirangira ku wa 17 Munyonyo. Niba icibare canyu ari kinini cane, abamamaji bamwebamwe bashobora gukora bari umwumwe aho ivyo bibangutse kandi bikaba bitotera ingorane. Iyo ndinganizo izotuma birushiriza kworoha gushikira abantu benshi babereye bashoboka. Uraraba neza yuko wanditse abashimishijwe bose mwabonanye.
10 Abakurambere bakwiye kuraba hakiri kare igitigiri c’ibinyamakuru vyiyongeyeko ishengero rizokenera, hanyuma bagire komande bakurikije ico gitigiri. Ntibikenewe gusaba Inkuru z’Ubwami No. 36, kubera yuko ishengero rimwerimwe ryose rizorungikirwa agakama. Abatsimvyi badasanzwe, abatsimvyi basanzwe, n’abatsimvyi bo gufasha bazoronka umwumwe wese amakopi 250 yo kugabanganya, mu gihe umwe wese mu bamamaji b’ishengero azohabwa amakopi 50. None woba witeguye kandi ushashaye kuzogira vyinshi ukora muri ico gikorwa kidasanzwe? Ese ukuntu ari agateka twatewe ko kumenyesha ababanyi bacu bose ivyo Imana yasezeranye ku bwa kazoza kegereje!