Inkuru y’Ubwami No. 38 izoshikirizwa muri Munyonyo!
1. Ni ibibazo ibihe abantu bibaza ku bijanye n’abapfuye, kandi ivyo bibazo bizokwishurwa gute muri Munyonyo?
1 Urupfu ni umwansi w’abantu bose, baba bemera iki. (1 Kor. 15:26) Abantu benshi baribaza iyo abapfuye bari, bakibaza kandi nimba bazosubira kubabona. Ku bw’ivyo, amashengero yo hirya no hino kw’isi azogira uruhara mw’isekeza rizomara ukwezi ryo gushikiriza Inkuru y’Ubwami No. 38 ivuga ngo Abapfuye boba vy’ukuri bashobora kwongera kubaho? Iryo sekeza ridasanzwe rizotangura ku wa 1 Munyonyo. Inyuma y’iryo sekeza ridasanzwe, Inkuru y’Ubwami No. 38 izokoreshwa mu busuku nka kurya kw’agapapuro k’inkuru nziza.
2. Inkuru y’Ubwami No. 38 itunganijwe gute?
2 Ingene itunganijwe: Inkuru y’Ubwami No. 38 itunganijwe kugira ngo ishobore kuzingwa mu burebure ku buryo umutwe wayo ushimishije be n’amajambo avuga ngo “Woba wokwishura ngo . . . egome? oya? kumbure?” bija hejuru. Igihe umusomyi azinguruye iyo Nkuru y’Ubwami, azoca abona ivyo Bibiliya ivuga mu kwishura ikibazo kigize umutwe yongere abone ico uwo muhango Bibiliya itanga womumarira. Azobona kandi imvo zotuma yemera ivyo Bibiliya ivuga. Inyuma kuri iyo Nkuru y’Ubwami hariho ikibazo gishimishije uwo muntu yozirikanako kandi haramuremesha kumenya n’ibindi.
3. Inkuru y’Ubwami No. 38 izoshikirizwa gute?
3 Ingene izoshikirizwa: Iryo sekeza rizoba rimeze nka ya masekeza yo gushikiriza ubutumire bw’Icibutso n’ubw’ihwaniro ry’intara. Abakurambere bazotanga ubuyobozi bw’ingene icibare cabo coheturwa, mu buryo buhuye n’ivyavuzwe mw’ikete ryo ku wa 1 Ndamukiza 2013 barungikiwe. Amashengero afise icibare gitoyi yoshobora gusaba amashengero mabanyi afise icibare kinini ngo ayafashe. Igihe muzoba muriko muratora udupapuro tw’Inkuru y’Ubwami No. 38, muribuke gutora gusa utwo muzokoresha mu ndwi imwe. Mu kiringo c’iryo sekeza, ivyibare vyose bimaze guheturwa mu busuku bw’inzu ku nzu, utwo dupapuro tuzoshobora gutangwa mu busuku bwo ku mugaragaro. Utwo dupapuro twose duheze imbere y’uko ukwezi kurangira, hakwiye guca hashikirizwa ibisohokayandikiro biri ku rutonde. Ku wa gatandatu wa mbere, tuzokwibanda ku kugira uruhara muri iryo sekeza ridasanzwe aho kwibanda ku gutanguza inyigisho za Bibiliya. Ku mpera z’imishamvu, turakwiye kandi gutanga ibinyamakuru igihe bibereye. Woba uriko uragira ivyo utunganije kugira ngo uzogire uruhara bimwe bishitse muri iryo sekeza ridasanzwe?