Niwigishe ukoresheje agatabu Inkuru nziza
1. Agatabu Inkuru nziza gatunganijwe gute?
1 Nk’uko vyavuzwe mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Mukakaro kimwe mu bikoresho vyacu ntahara bitegerezwa kuba biri mw’isakoshi yacu y’ibikoresho ni agatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Ivyanditswe biri muri ko ntivyasubiwemwo mu majambo kugira ngo umunyamuhana ashobore kuvyisomera muri Bibiliya. Mu gihe vyinshi mu bisohokayandikiro vyacu vyanditswe mu buryo umusomyi ashobora kuvyiga ari wenyene, ako gatabu koko gatunganijwe mu buryo umuntu akiga abifashijwemwo n’umwigisha. Rero, igihe duhaye umunyamuhana ako gatabu, dukwiye kugerageza kumwereka ukuntu kukiga bigenda kugira ngo abone ingene bishimishije kwiga inkuru nziza dusanga muri Bibiliya.—Mat. 13:44.
2. Twokoresha gute agatabu Inkuru nziza tugendeye umuntu ari bwo bwa mbere?
2 Ugendeye umuntu ari bwo bwa mbere: Ushobora kuvuga uti: “Ndakugendeye kubera abantu barajwe ishinga no kumenya iyo iyi si iriko iraja. Woba wibaza ko hazogera igihe ibintu bikamera neza? [Rindira yishure.] Bibiliya irimwo inkuru nziza ituma tugira icizigiro. Ng’ibi ibibazo bimwebimwe Bibiliya yishura.” Numuhe ako gatabu, uce umusaba guhitamwo ikibazo mu biri ku rupapuro rwa nyuma. Hanyuma umwereke ukuntu ako gatabu kigwa mukoresheje ingingo itangura y’ico cigwa yahisemwo. Ubundi buryo ni ukumubaza ikibazo gituma ashimishwa kiri mu cigwa wahisemwo, maze uce umwereka ukuntu ako gatabu gashobora kumufasha kuronka inyishu Bibiliya itanga. Mu gihe ico cigwa gihuye n’ividewo kanaka iri kuri jw.org, hari abamamaji baca berekana iyo videwo igihe baba bariko baratanguza ikiyago.
3. Nuvuge ukuntu inyigisho ya Bibiliya yoyoborwa hakoreshejwe agatabu Inkuru nziza.
3 Ukuntu inyigisho iyoborwa: (1) Nusome ikibazo kiriko inomero canditse mu ndome zizize kugira ufashe umunyamuhana kugumiza mu bwenge iciyumviro nyamukuru. (2) Nusome ingingo iri munsi yaco. (3) Nusome ivyanditswe biri mu ndome zihengamye wongere umubaze utubazo kugira ngo umufashe kubona ingene ivyo vyanditswe vyishura nya kibazo kiriko inomero. (4) Nimba hari izindi ngingo munsi ya nya kibazo, nubigenze nk’uko bivugwa ku ntambwe ya 2 n’iya 3. Niba hariho ividewo ihuye n’ico kibazo kandi ukaba utarayereka uwo munyamuhana, nucishemwo uyimwereke. (5) Mu nyuma, numusabe atange inyishu ya nya kibazo kiriko inomero kugira ngo wiyemeze neza ko yatahuye.
4. Ni igiki kizodufasha gukoresha ico gikoresho c’agaciro tubigiranye ubuhanga?
4 Niwimenyereze neza ico gikoresho c’agaciro. Nugikoreshe igihe cose bibereye. Imbere yuko uja kwigisha umutohoji, numuzirikane wongere urabe uburyo bwiza wokoresha kugira ngo umufashe kuzirikana ku vyanditswe biri muri nya cigwa. (Imig. 15:28; Ivyak. 17:2, 3) Niwamara kumenyera ako gatabu ukongera ukagira ubuhanga, kazokubera kimwe mu bikoresho ukoresha cane mu kwigisha abantu ukuri!