Turyohore ubuhanga bwacu mu busuku—Gutanguza inyigisho ya Bibiliya turi imbere y’umuryango dukoresheje agatabu Inkuru nziza iva ku Mana
Igituma bihambaye: Kugira duhindure abantu abigishwa dutegerezwa kuba abigisha b’Ijambo ry’Imana. (Mat. 28:19, 20) Twese turashobora kwigisha ukuri tukaroranirwa dukoresheje ibikoresho twahawe. Ka gatabu Inkuru nziza iva ku Mana ahanini kagenewe kudufasha kwigisha abandi ukuri. Rero turashobora kugakoresha kugira dutanguze inyigisho ya Bibiliya tukigendera umuntu ari bwo bwa mbere, turi imbere y’umuryango wiwe.
Muri uku kwezi nugerageze iki kintu:
Nusenge usaba kugira icipfuzo co kuyobora inyigisho. Kandi, nutakambire Yehova umusaba ngo agufashe gutanguza inyigisho ya Bibiliya no kuba umwigisha kirumara.—Flp. 2:13.
Mu gusenga kwo mu muryango canke igihe uriko uriyigisha, nufate umwanya wimenyereze ubwo buryo bwo gutanguza inyigisho. Gutyo urashobora kuvugana ubujijutsi igihe uri mu busuku kandi ugatanguza inyigisho ya Bibiliya uhagaze imbere y’umuryango.