Ihwaniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2001 Ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana”
1 Umumenyeshakazoza Yesaya yadondoye Yehova bwa Mwigisha Mukuru, we mu buryo bwa kivyeyi ahimiriza abasavyi biwe ati: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana.” (Yes. 30:20, 21) Ariko ni gute twumva amajambo ya Yehova avugwa ku bw’inyungu yacu? Yehova avugisha abasavyi biwe biciye kuri Bibiliya no mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya, mu makoraniro, mu materaniro aba mu muzunguruko, be no mu mahwaniro y’intara bitegurwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge.” (Mat. 24:45, NW) Turashobora gukengurukira Yehova kuba abandanya kutuyobora mu nzira dukwiye gucamwo.
2 Uko umwaka utashe, ihwaniro ry’intara riraturonsa akaryo ko gutororokanira hamwe n’abo dusangiye ukwizera maze tugatega amatwi twitonze amabwirizwa ya Yehova. Mu mwaka uheze, abantu 58.592 baritavye Amahwaniro aruhura mu vy’impwemu yari yataziriwe ngo “Abakora ivy’Ijambo ry’Imana.” Mu mwaka w’2001, hazogirwa Amahwaniro y’Intara mu misi itatu yataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana.” Turazi yuko witeganye igishika kugira ivyo uringaniza ngo uzoyitabe, ni co gituma tukuronkeje inyobozo zikurikira kugira tugusahirize.
3 Nugire Ivyo Uringaniza Kugira Uze Uronke Uburaro: Uko umwaka utashe turahimbarwa no kubaronsa inyobozo z’ukuntu mushobora kuringaniza ivy’uburaro ku bw’ihwaniro, kandi turashima cane ukuntu mukurikiza ayo mabwirizwa. Urwego Rujejwe Uburaro rw’aho iwanyu rwama nantaryo rwiteguye gusahiriza ku bw’uburaro ubwo ari bwo bwose bukenewe. Turagusavye ukurikize neza ayo mabwirizwa atangwa n’urwo rwego zerekeye uburaro ubwo ari bwo bwose bubonetse. Kubera amategeko agenga ivy’umuriro n’ivy’umutekano, abahabwa uburaro mu nyubakwa z’amashure canke mu buraro bwayo ntibakwiye kuhatekera.
4 Amahoteri araboneka mu bisagara vyinshi bitobito canke bininibinini biberamwo amahwaniro. Nimba ukeneye uburaro mw’ihoteri biciye ku Rwego Rujejwe Uburaro, turagusavye wandikire urwo rwego hakiri kare, werekane amahera ushaka kuriha ku muntu no ku musi.
5 Nimba usavye Urwego Rujejwe Uburaro kukubikishiriza uburaro, turagusavye ntuheze ngo ububikishe ku yindi hoteri. Gukurikiza ubwo buyobozi biraduha akaryo ko kugaragaza urukundo dufitiye abavukanyi bacu b’Abakirisu no kwirinda agatima ko “kwibanza” kiganje mw’isi y’iki gihe.—1 Kor. 10:24.
6 Kubikisha Uburaro ku Mahoteri be no Gutunganya Ingorane Zohavyuka: Kugira ngo ugire ikikwemeza ko ubikiwe uburaro, amahoteri arashobora gusaba ko wemera gutanga amahera ku cumba kimwekimwe cose ubikishije. Utemeye kuriha ayo mahera y’ingwati, nya hoteri iba ifise uburenganzira bwo guha ico cumba cawe uwundi muntu. Hamwe bigenze gutyo, Urwego Rujejwe Uburaro ruzokumenyesha ukuntu worungika ayo mahera y’ingwati. Ku ngorane zose wogira imbere canke inyuma y’ihwaniro, ushobora kuzimenyesha Urwego Rujejwe Uburaro. Hamwe hokwaduka ingorane mu gihe c’ihwaniro, ukwiye guca ugenda mu maguru masha ku Rwego Rujejwe Uburaro kugira abavukanyi bashobore kugusahiriza imbere y’uko wirukanwa muri iyo hoteri.
7 Kwitwararika Abari n’Ivyo Bakeneye Bidasanzwe: Abageze mu zabukuru, ibimuga, abari mu murimo w’igihe cose, canke abandi boshobora gusaba gusahirizwa mu kwitaba ihwaniro. Incuti zabo, abakurambere n’abandi mw’ishengero bazi ingorane zibonekeje z’abo bari n’ivyo bakeneye bidasanzwe, babigiranye urukundo barashobora kugira ivyo baringanije bikenewe. Ibanga ry’umuryango be n’ishengero ntirikwiye gukabwa ukwungunganya ihwaniro. (1 Tim. 5:4) Ya fomu ya Sosiyete y’Ugusabirako Icumba Gikenewe mu Buryo Budasanzwe irerekana ibisabwa kugira ngo umuntu yuzuze iyo fomu. Komite y’Umurimo y’Ishengero ikwiye kwihweza yuko umuntu umwumwe wese yujuje iyo fomu akwije ibisabwa imbere yo kuyirungika ku Rwego Rujejwe Uburaro. Umunyamabanga w’ishengero akwiye gushira kuri iyo fomu inomero ya telefone yiwe, nimba ayifise, kugira ngo urwo Rwego Rujejwe Uburaro rushobore kuvugana na we hamwe hoba hari ibibazo ivyo ari vyo vyose. Amafomu yemewe akwiye kurungikwa ku biro bijejwe ihwaniro.
8 Kwitaba Irindi Hwaniro: Nimba ukeneye kwitaba ihwaniro ry’ahandi hantu, kandi ukaba usaba gusahirizwa kugira ngo uronke uburaro biciye ku Rwego Rujejwe Uburaro, tugusavye kwandika hakiri kare. Urwego Rujejwe Uburaro rurahura n’intambamyi mu gihe haba hagize uwusaba bukwi na bukwi kugira ngo aronke uburaro.
9 Abakozi bo mu Mahoteri Biyumvira Iki ku Vyerekeye Ivyabona vya Yehova? Amaze kugira ico avuze ku nyigenzo nziza y’abasavyi ba Yehova, umuyobozi mukuru w’ihoteri imwe yo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Iyo mbonye Ivyabona vya Yehova bashitse ngaha ku wa Kane, ‘nca nigira mu karuhuko’ gushika ku wa Mbere mu gitondo. Nzi yuko utugorane utwo ari two twose tuzohaba tuzoba ari dutoyi. Vyama nantaryo bihimbaye kwakira abantu banyu ngaha.” Umudandazakazi wo mw’ihoteri yaritangaje ati: “Ni umugwi mwiza igitangaza! Umwe wese aguma avuga ati: ‘Urakoze.’ ” Ntibigushimisha kwumva abavukanyi bacu bavugwa muri ubwo buryo? Ibaze ukuntu Yehova Imana ahimbarwa igihe abona turiko turakora mu buryo butuma izina ryiwe rishemezwa!
10 Insozero: Uko igihe canyu co kwitaba ihwaniro ry’intara cegereza, nubishire mw’isengesho utura Yehova kugira ngo ushobore kuba ariho uzoba uri mu biringo vyose ku misi itatu yose maze uronkere inyungu zirushirije kuri iyo porogarama. Woba waramaze gusaba akaruhuko ku bw’imisi itatu y’ihwaniro utegekanya kwitaba? Nimba utarabigira, nubigire mu maguru masha. Gusaba akaruhuko ku munuta wa nyuma mu bisanzwe ntivyemerwa. Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge yaringanije Ihwaniro ry’Intara ry’uyu mwaka ryataziriwe ngo “Abigisha b’Ijambo ry’Imana” kugira ngo aturonse amabwirizwa y’ivy’impwemu no kugira yubake ukwizera kwacu. Nuko rero nutangure ubu kugira ivyo utegekanya kugira ngo uzoryitabe, mu gukurikiza inkeburo y’umwanditsi wa Zaburi ivuga iti: “Muhimbarize Imana mu makoraniro”!—Zab. 68:26.
[Box on page 3]
Ibihe vya Porogarama
Ku wa Gatanu no ku wa Gatandatu
3:30 zo mu gitondo – 11:00 zo ku muhingamo
Ku w’Iyinga
3:30 zo mu gitondo – 10:00 zo ku muhingamo