Ihwaniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova Ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete” ryo mu 2002
1 “Naranezerewe hamwe bambgira, bati Tugende tuje ku ngoro y’Uhoraho.” (Zab. 122:1) Wihweje imvugo umwanditsi wa Zaburi yakoresheje, urabona (1) ukuntu yiyumva igihe yatumirwa kwifatanya n’abandi mu gusenga Yehova, (2) abagenzi beza yari afise, abo na bo nyene bakaba bari bitwararitse cane ugusenga kw’ukuri, hamwe (3) n’ukuntu bitegerezwa kuba vyari bikenewe gutegekanya ibintu kugira bahe n’abandi ubwo butumire, bakoranire hamwe hanyuma bongere bagire urugendo bagana ku nzu y’Imana.
2 Amajambo y’umwanditsi wa Zaburi ntahuza n’ukuntu twiyumva iyo twumvise ibiriko birategekanywa ku bw’ihwaniro ryacu rizokurikira? Turuzura akamwemwe igihe twibutse umunezero twagize ku mahwaniro aheruka tukongera tukagira be n’icizigiro co gusubira gukoranira hamwe n’abagenzi bacu bakunda Yehova kuri iyo mitororokano idasanzwe. Mu mwaka w’2002, hararinganijwe Amahwaniro y’Intara azomara imisi itatu yataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete.” Ubu ni co gihe co gutegekanya ivy’ukuzoyitaba n’ukuzokwungukira cane rwose kuri ayo mazimano y’ivy’impwemu aturindiriye.
3 “Wa mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge,” yaratanguye gutegura imfungurwa z’ivy’impwemu turonka igihe kigeze kugira ngo zizogaburwe kuri iryo hwaniro. (Luka 12:42) Ishengero ryose rizobwirwa ihwaniro rizokwitaba kugira twirinde kurundana mu bibanza tugiriramwo amahwaniro yacu. Vyongeye, abavukanyi benshi bararinganiza inzego zitandukanye z’ihwaniro kugira “vyose bitungane neza, birorane.” (1 Kor. 14:40) Kubera ivyo bintu vyinshi bimaze gushirwa mu buryo kugira twunguke kandi tumererwe neza, ni ibiki dushobora gukora ubwacu kugira twitegurire iryo hwaniro?
4 Tegekanya Uhereye Ubu Kuba Ari Ho Uri Iyo Misi Itatu Yose: Woba ukeneye gusaba umukoresha wawe akaruhuko kugira uze witabe ihwaniro ryose? Yehova aratahura yuko abakoresha bamwebamwe “bagoye gushimisha.” (1 Pet. 2:18, NW) Ariko amahwaniro yacu arahambaye rwose, kandi dushaka kugira utwigoro dushizemwo umwete kugira tube ari ho turi mu kiringo ca porogarama yose uko ingana. Niwegere Yehova mw’isengesho umubwire ivy’ico kibazo, urondere ko akuyobora kugira bikugendere neza.—Neh. 2:4.
5 Tegekanya ivy’Uburaro Hakiri Kare Cane: Niwaba uzorara mu masomero, mu ndaro z’amashure canke mu mahoteri, iki ni co gihe co kurimbura amahera bizosaba be no gutangura gushira ikintu ku ruhande uravye ayo bizotwara. (Luka 14:28) Nimba utegekanya kuzorara mw’ihoteri ukaba ushaka ko Urwego Rujejwe ivy’Uburaro rubigufashamwo, turakwinginze wandikire urwo rwego rubijejwe rw’ihwaniro uzokwitaba hakiri umwanya uhagije. Woshobora kurwandikira ubicishije ku biro. Mu bihe bimwebimwe vyoshobora kuba nkenerwa gutanga amahera kugira bakubikire ikibanza.
6 Nukubitize Akajisho kw’Ishengero: Nimba uzi umuvukanyi canke umuvukanyikazi afise ingorane z’amagara canke z’uburyo vyogora kwitaba iryo hwaniro, mbega twoshobora “[k]wagu[r]a” urukundo rwacu maze tukaraba ukuntu twomusahiriza? (2 Kor. 6:12, 13; Gus. 15:7) Ako ni ko gatima Paulo yaremesheje mu 2 Ab’i Korinto 8:14. Ni kuki utotumira abameze gutyo ngo mufatanye urugendo rubashikana kw’ihwaniro? Nimba ari abatsimvyi, boshobora kuba bafise ivyabonywe vyinshi mwosabikanya muri mu kayira. Nimba ari abagize ishengero bageze mu zabukuru, boshobora kuba bafise inkuru nziza igitangaza z’ivyabashikiye mu vya gitewokarasi utari bwumve. None kwifatanya n’abo bavukanyi n’abavukanyikazi ntivyogira akosho keza kuri wewe no ku muryango wawe? Bazokenguruka agatima kawe ko gutanga vyongeye na Yehova akaguhere impera.—Imig. 28:27; Mat. 10:42.
7 Naho abo bafise ingorane zidasanzwe bitwararikwa ubwa mbere na mbere n’Abakirisu bo mu muryango wabo, abakurambere be n’abandi bo mw’ishengero bazi ivyo bakeneye barashobora kubasahiriza babigiranye urukundo mu kugira ivyo batunganije. (1 Tim. 5:4) Iyo amafomu y’Ugusaba Icumba ku Bafise Ingorane Zidasanzwe ashikirijwe Komite y’Umurimo y’Ishengero, iyo komite ikwiye gusuzuma yuko uwo yabisavye akwije ibisabwa imbere yuko bayarungikira Urwego Rujejwe ivy’Uburaro. Nimurungikire Urwego Rujejwe ivy’Uburaro rw’iryo hwaniro amafomu mwemeje.
8 Niwemere Kwitanga bwa Mwishakire Bivuye ku Mutima: Mu kiringo c’ihwaniro, abishakire amajana n’amajana barafasha kugira inzego zikore neza. Abakira abantu mu vyicaro be no mu bibanza bihagarikwamwo imiduga baratwereka aho twicara bakaducungerera imiduga mu kiringo c’ihwaniro. Urwego Rujejwe Isuku ruri n’agateka ko gutuma tuguma tuzwi neza yuko turi abanyesuku, tugasiga ico kibanza co gusengeramwo cacu c’igihe gito gisukuye kuruta uko twagisanze. Twoba dushobora gufasha muri izo nzego canke mu zindi zishobora kudukoresha? Woba uzokwitanga uvyishakiye kugira ufashe mu gukora “uhuje inama” n’abavukanyi bawe?—Zef. 3:9.
9 Abantu Boba vy’Ukuri Babona Ivyo Dukora? Mu kiringo c’ihwaniro ry’intara rimwe ryo mu mwaka uheze, umugabo umwe yari yarahagaritse kwigana n’Ivyabona vya Yehova haraciye imyaka irenga 20 yariko arakorera mw’ihoteri. Yariganiye Ivyabona bamwe yuko yariko ariyumvira gusubira gutangura inyigisho yiwe ya Bibiliya, agasubira no kuja ku makoraniro. Kubera iki? Kubera ukuntu yafashwe mu buryo buranga urukundo mu misi Ivyabona bari muri iyo hoteri.
10 Umuyobozi w’ikibuga c’inkino umwe yavuze ivyerekeye abavukanyi bacu ati: “Umugwi wanyu ni wo mugwi ukoresha neza ikibuga cacu kuruta iyindi yose. Abantu banyu barihangana cane kandi bari n’urupfasoni bisubiye bama basiga ikibuga gisukuye neza kuruta uko bagisanze.” Ese ukuntu ivyo bitegerezwa kuba bituma Data wa twese wo mw’ijuru anezerwa uko atubona dukurikiza ivyo Yezu agira ati: “Abe ari k’umuco wanyu ubonesha imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza, bahimbaze So wo mw ijuru”!—Mat. 5:16.
11 Ese twogaragaza inyifato y’Umwami Dawidi, we yiteganye akamwemwe kenshi kuja ku nzu yo gusengeramwo Yehova. Amahwaniro yacu y’intara ni isoko ntangere ry’imfungurwa z’ivy’impwemu akaba ari akaryo ataco twokagereranya ko kwifatanya mu buryo buranga urukundo n’abavukanyi bagenzi bacu. Ku bw’ivyo rero, turaguteye akamo n’igishika cinshi ngo utangure kugira ivyo uringanije kugira uzokwitabe ibiringo vyose vy’iyo misi yose itatu y’Ihwaniro ryacu ry’Intara ryo muri uyu mwaka ryataziriwe ngo “Abamamaji b’Ubwami b’Abanyamwete”!
[Box on page 3]
Ibihe vya Porogarama
Ku wa Gatanu no ku wa Gatandatu
3:30 zo mu gitondo - 11:00 zo ku muhingamo
Ku w’Iyinga
3:30 zo mu gitondo - 10:00 zo ku muhingamo