Ihwaniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2004 ryataziriwe ngo “Gendana n’Imana”
1 Ni ibiki bituma amahwaniro y’intara twama tugira uko umwaka utashe aba ayadasanzwe kuri wewe? Zoba ari insiguro zikomeza be n’igikino c’ivya Bibiliya gikomeza dutegurirwa na “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” (Mat. 24:45-47, NW)? Vyoba ari ibisohokayandikiro bishasha birimwo imfungurwa z’ivy’impwemu ziza hageze? Boba ari abavukanyi be n’abavukanyikazi bigana ivyabashikiye vyerekana ukuntu Bibiliya yahinduye ubuzima bwabo bukamera neza? Yoba ari amaraporo avuga ukuntu igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko kiratera imbere mu bindi bihugu? Kwoba ari ukwifatanya n’abo dusangiye ukwizera b’imyaka itandukanye? Ego cane, izo mvo be n’izindi nyinshi ni zo zituma turindirana umushasharo mwinshi amahwaniro yacu.
2 Uzobe ari ho uri imisi yose uko ari itatu: Yehova abicishije kuri Musa, yategetse ati: ‘Muze mukoranye abantu . . . kugira ngo bumve, bige’ (Gus. 31:12). Yehova abicishije ku mugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge, yaraduteguriye porogarama idasanzwe yo kutwigisha ku musi umwumwe wose w’ihwaniro tuzogira. Kubera atwigisha ‘ibitugirira akamaro’, turipfuza kuzoba ari ho turi kugira ngo dukurikire inyigisho zose azoduha (Yes. 48:17). Nimba ushaka gusaba ikonji umukoresha wawe, nuture isengesho Yehova uheze usabe umukoresha wawe nya konji, wisunze akarorero karanga uburindutsi ka Nehemiya (Neh. 1:11; 2:4). Vyongeye, vyoba biranga urukundo umenyesheje hakiri kare bishoboka abo mu muryango wawe batizera, ivyerekeye imigambi yawe ijanye n’amahwaniro.
3 Uburaro: Kugira ngo umererwe neza, ivyerekeye uburaro biratunganywa mu gisagara cose kiberamwo ihwaniro. Abavukanyi b’aho iwanyu bakorana n’ibiro vy’ishami birabashobokera gutunganya ivy’ubwo buraro kubera ko uba wasenyeye ku mugozi umwe na bo. Ku bw’ivyo, turagusavye uzirikane hakiri kare uburaro wewe be n’umuryango wawe muzokenera kugira ngo nibakenera kumenya ivy’ubwo buraro, uzoshobore guca ubibamenyesha. Nimba wipfuza kuzorara mw’ihoteli, turagusavye urabe neza ko wamenyesheje Urwego rujejwe ivy’uburaro amahera ushobora gutangira umuntu ku musi. Ivyo bizofasha mu bijanye n’intumbero dufise yo kuronka amahoteli hafi y’aho ihwaniro ribera, ku biciro birushirije kuba vyiza uko umwaka utashe.
4 Ibintu bidasanzwe bikenerwa: Intumwa Paulo yaribukije amashengero y’i Galatiya ‘kugirira bose neza, na canecane ab’inzu y’abizera’ (Gal. 6:10). Abavukanyi n’abavukanyikazi bageze mu zabukuru, abafise amagara make, abavyeyi birerana abana canke abari mu murimo w’igihe cose hari aho batogusaba ko ubafasha, mugabo ugasanga barafise ingorane bategerezwa gutsinda kugira ngo bitabe ihwaniro. Woba ushoboye ‘kubagirira neza’ mu kubasahiriza? Abo mu miryango yabo b’abakirisu be n’abakurambere ni bo canecane bakwiye kuba bazi uko ivy’abo bantu vyifashe.
5 Nimba hari umwamamaji atanze ifomu y’ugusabirako icumba gikenewe mu buryo budasanzwe, Komite y’umurimo y’ishengero izokwihweza iyo fomu ikoresheje inyobozo zerekanywe kuri yo. Bakwiye kuraba nimba ico kintu akeneye bocitwararika aho iwanyu. Iyi ntunganyo igenewe gusa abamamaji bafise impagararo nziza, hamwe n’abana babo bigenza neza. Urwego rujejwe ivy’uburaro nirwagira ibibazo ivyo ari vyo vyose ku bijanye n’ivyasabwe bikenewe mu buryo budasanzwe, ruzobibaza umunyamabanga w’ishengero.
6 Kwitaba irindi hwaniro: Hari aho uko ivyawe vyifashe vyosaba yuko witaba irindi hwaniro ritari iryo ishengero ukukira ryatumiwe kwitaba. Nimba ukeneye kuronka amakuru ku vyerekeye irindi hwaniro, turagusavye ubonane n’umunyamabanga w’ishengero ryanyu. Nimba wipfuza gusahirizwa mu bijanye n’uburaro, turakwinginze wandikire Urwego rujejwe ivy’uburaro ku bw’iryo hwaniro maze urumenyeshe uburaro ukeneye ubwo ari bwo.
7 Kw’ihwaniro abasavyi ba Yehova bagize ubu hakaba haciye hafi imyaka 2.500, Ezira hamwe na bagenziwe b’Abalewi barasomye Ijambo ry’Imana bongera bararisigurira abantu bari bakoraniye hamwe. Ni igiki cavuyemwo? Muri Nehemiya 8:12 hatubwira yuko “Abantu bose [bagiye] . . . kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe”. Ntidukura ubwatsi none kubona, nka kumwe kwa Ezira n’Abalewi, wa mugwi w’umushumba wasizwe ukoresha Ijambo ry’Imana, ukarisigura ukongera ukatwereka ukuntu tworishira mu ngiro mu buzima bwacu? Mu gukora ivyo, uwo mushumba aba ariko aragaragaza urukundo nyakuri be n’ubwitwararitsi nyakuri Yehova afitiye abasavyi biwe bose. Niwiyemeze kutazosiba umusi n’umwe w’iryo Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo: “Gendana n’Imana”!
[Box on page 3]
Ibihe porogarama izoberako
Ku wa gatanu no ku gatandatu
3:00 zo mu gitondo - 10:40 zo ku muhingamo
Ku w’iyinga
3:00 zo mu gitondo - 9:35 zo ku muhingamo
[Box on page 4]
Ingene woshigikira intunganyo zijanye n’uburaro
◼ Niwubahirize amategeko ajanye n’ukwirinda impanuka z’umuriro.
◼ Nubikishe gusa ivyumba uzokoresha.
◼ Kugira ngo wiyemeze neza yuko icumba wabikishije ata wundi kizohabwa, niwitegurire kurungika amahera yo kubikisha ico cumba mu gihe iyo hoteli yoyagusaba. Ahandiho, ishobora kugiha uwundi muntu.
◼ Icumba wamaze kubikisha ni kibe ari co ugumana.
◼ Nimba bitarekuwe gutekera muri izo nyubakwa, turakwinginze uvyubahirize.