Ihwaniro ry’Intara ry’Ivyabona vya Yehova ryo mu 2005 ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana”
1 Umucishabwenge wacu Mukuru Yehova Imana araringaniza ivy’uko duhwanira hamwe kugira twigishwe mu nzira ziwe (Yes. 30:20, 21, NW; 54:13). Ivyo abigira abicishije ku mugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge, uwo mugwi ukaba uringaniza amakoraniro, nka ya mahwaniro y’intara twama tugira uko umwaka utashe (Mat. 24:45-47, NW). Inyiyumvo dufise ni nka zimwe z’umwanditsi wa Zaburi Dawidi, we yaririmvye ati: “Nzoshemagiriza Uhoraho mu makoraniro [canke, “mu masinzi akoranye”, NW]” (Zab. 26:12). Dawidi yaratahura neza agaciro ko kwigishwa na Yehova, kandi yari yiyemeje kuba mu basavyi biwe igihe cose baba bakoranye.
2 Woba uzoba uri mu “masinzi akoranye” azokwitaba Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” rizogirwa uwu mwaka? Niba uzoba uri muri ayo masinzi, amakuru akurikira azogufasha mu myiteguro ugira ngo uzoryitabe.
3 Tegekanya uhereye ubu kuba ari ho uzoba uri iyo misi itatu yose: “[“Imigambi y’umuntu w’inshirukabute”, NW] izana ubukenuke gusa” (Imig. 21:5). Ayo majambo ntashimika none ku gaciro ko kugira imigambi canke kugira ivyo dutegekanije tudatebaganye, kugira ngo tuze twitabe iryo hwaniro? Kugira urabe neza ko ata na kimwe uzohomba muri iyo porogarama iruhura mu vy’impwemu, ni vyiza ko uhereye ubu utangura kugira indinganizo zose ukeneye ngo uzobe ari ho uri imisi yose itatu. Niba ubwirizwa gusaba ikonji umukoresha wawe, nubigire udatebaganye. Niba ukeneye kuyaga n’uwo mwubakanye atizera ivyerekeye imigambi yawe, nturindire ku munuta wa nyuma ngo abe ari ho ubigira. Ingorane izo ari zo zose wogira nuzibwire Yehova mw’isengesho, wizigiye yuko azogufasha “imigabo yawe i[ga]komera” (Imig. 16:3). Bisubiye, vyoba vyiza ufashije abo mwigana Bibiliya mu myiteguro bagira kugira ngo bazobe ari ho bari mu biringo vyose vy’iryo hwaniro.
4 Uburaro: Kugira woroherwe, ivyerekeye uburaro biratunganywa mu gisagara cose kiberamwo ihwaniro. Urwego rujejwe ivy’uburaro rurashobora gutunganya ivy’ubwo buraro mu gihe usenyeye ku mugozi umwe na rwo. Ku bw’ivyo, turagusavye wiyumvire hakiri kare ivyerekeye uburaro wewe n’umuryango wawe muzokenera. Nimba wipfuza kuzorara mw’ihoteli, turagusavye urabe neza ko wamenyesheje Urwego rujejwe ivy’uburaro amahera ushobora gutangira umuntu ku musi.
5 Ibikenewe mu buryo budasanzwe: Intumwa Paulo yaravuze ivyerekeye abavukanyi bamwebamwe bamubereye “imfashanyo ikomeza” (Kol. 4:7-11, NW). Bumwe mu buryo bamufashije hari mu kumurangurira utuntu tumwetumwe yari akeneye. Ushobora gute kuba “imfashanyo ikomeza” ku bandi mu bijanye n’iryo hwaniro? Abamamaji bageze mu zabukuru, abafise ubumuga canke amagara make, abari mu murimo w’igihe cose be n’abandi, boshobora kuba bakeneye gufashwa mu buryo buboneka mu bijanye n’ukwiyunguruza canke uburaro. Incuti zabo ni zo ubwa mbere na mbere zegwa n’ibanga ryo kwitwararika abantu nk’abo (1 Tim. 5:4). Ariko rero, nimba batabishoboye, hari aho abo basangiye ukwizera boba bashoboye kubasahiriza (Yak. 1:27). Abacungezi b’inyigisho z’igitabu bakwiye kuvugana n’abo mu migwi yabo bari n’ivyo bakeneye bidasanzwe, kugira barabe neza yuko ivyo bategekanije biri mu buryo hagisigaye igihe imbere y’uko ihwaniro riba.
6 Inkaratasi zo gusabirako icumba bivanye n’inkenero idasanzwe zironswa gusa abamamaji usanga ivyo bakeneye koko bidashoboye kwitwararikwa n’abo mu muryango wabo canke ishengero ryabo. Komite y’umurimo y’ishengero ikwiye kurimbura yuko abo bamamaji bakwije ibisabwa, ikoresheje inyobozo zerekanwa kuri urwo rukaratasi. Iyi ntunganyo igenewe gusa abamamaji bafise impagararo nziza be n’abana babo bigenza neza.
7 Kwitaba irindi hwaniro: Kugira ngo abamamaji biyemeze neza yuko hari ivyicaro bihagije, ibisohokayandikiro bihagije, ivyumba vy’uburaro bihagije be n’ibindi bintu, baremeshwa kwitaba ihwaniro ishengero ryabo ryahawe kwitaba. Niba bibaye ngombwa ko witaba irindi hwaniro bivanye n’uko ivyawe vyifashe, turakwinginze uvugane n’umunyamabanga w’ishengero ukukira.
8 Harakenewe abazokwitanga: Yezu yarasize akarorero katagira agahaze mu kwitaho ivyo abandi bari bakeneye yicishije bugufi (Luka 9:12-17; Yoh. 13:5, 14-16). Abitanga ngo bakore ibikorwa ku mahwaniro bagaragaza mwene ako gatima. Kw’ihaniro rimwe ryo mu mwaka uheze, hafi ica gatanu c’abari baryitavye baremeye gushingwa ibikorwa, biciye ku Rwego rujejwe abitanga bavyishakiye. Kugira haboneke abokora mu nzego z’ihwaniro, Amakomite y’ihwaniro yo mu karere kanyu vuba azotumira abandi kugira bakorane na yo. Harakenewe canecane abakurambere bokwitanga, bakemera gushingwa ibikorwa. Agatima kabo k’ukwitanga ni akarorero keza abagize ishengero bokwigana.—1 Pet. 5:2, 3.
9 Ivyo abandi babona: Hari umukenyezi araba ivy’ubudandaji mw’ihoteli imwe yavuze ati: “Mwebwe muri umugwi dushima kuruta iyindi. Mwigenza neza tubagereranije n’iyindi migwi yose. Abakorera mw’ihoteli yacu bose baravuga ukuntu mubafata neza be n’ukuntu mubasigira agashirukabute. Umwe wese usanga yipfuza gukora ku mpera y’umushamvu muba muri ngaha!”. Hari uwundi aserukira ihoteli imwe yavuze ati: “Ivyabona vya Yehova ni umugwi woroshe gukorana kuruta iyindi yose”. Umutegetsi umwe ajejwe zimwe mu nyubakwa zakoreshejwe ku bw’amahwaniro mu mwaka uheze yavuze ati: “Ikibanza mwagisize gisukuye neza kuruta uko mwari mwagisanze. Abantu barafunguriye muri ico kibanza ariko nta rupapuro na rumwe wasanga rwandagaye ahantu na hamwe. Abana ni ho bari bari, ariko utuzu twa surwumwe twasigaye dusukuye. Nari narumvise yuko Ivyabona bafise isuku n’urutonde, none ubu ndavyemeye ntakekeranya. N’ubutaha murahawe ikaze”. Kumbure inyigenzo yawe y’akarorero iri mu vyatumye ayo majambo avugwa. Iyumvire ukuntu Yehova yumva anezerewe igihe atubona dukora mu buryo butuma amajambo meza nk’ayo avugwa!—1 Pet. 2:12.
10 Yehova Imana abicishije kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa”, yararinganije ivy’uko abasavyi biwe bateranira hamwe kugira baronke inyigisho zo mu vy’impwemu muri iri ci ryimirije (Luka 12:42). Kwitegurira kuzokwitaba iryo hwaniro mu misi itatu yose rizomara bizosaba akigoro, mugabo ako kigoro ntikazoba ari ak’impfagusa. Ihwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” ntirizobura koko gukomeza umwiyemezo dufise wo gukorera Yehova ubu no gushika mu bihe bidahera. Ese twokwiyemeza gukurikira iyi nkeburo y’umwanditsi wa Zaburi igira iti: “Muhimbarize Imana mu makoraniro [canke, “mu masinzi akoranye”, NW].”!—Zab. 68:26.
[Box on page 3]
Ibihe vya porogarama
Ku wa gatanu no ku wa gatandatu
2:30 zo mu gitondo - 10:05 zo ku muhingamo
Ku w’iyinga
2:30 zo mu gitondo - 9:10 zo ku muhingamo