Ukuri ku bijanye na kazoza
Woba umaze kwibaza ico kazoza katubikiye? Bibiliya iravuga ibintu bihambaye vyimirije kuba bizogira ico bikoze ku bantu bose baba kw’isi.
Yezu yaravuze ivyotumye ‘tumenya yuko Ubwami bw’Imana buri hafi.’ (Luka 21:31) Bimwebimwe mu vyo yavuze, ni uko hobaye intambara zikaze, vya nyamugigima bikomakomeye, amapfa be n’indwara z’ibiza, ivyo nyene akaba ari vyo twibonera muri iki gihe.—Luka 21:10-17.
Ahandi na ho, Bibiliya irerekana ko “imisi ya nyuma” y’intwaro z’abantu yoranzwe n’ukuntu abantu bokwigenjeje nabi. Urashobora kuvyisomera muri 2 Timoteyo 3:1-5. Iyo wiboneye izo nyifato muri iki gihe, nta nkeka ko uca ubona yuko ivyo bintu Bibiliya yari yaravuze bihuye neza na neza n’ibiriko biraba.
None ivyo vyose vyerekana iki? Vyerekana ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gutuma ng’aha kw’isi ibintu bihinduka bikamera neza. (Luka 21:36) Muri Bibiliya, Imana isezerana ko igiye kuzohezagira isi n’abantu bazoba bayibako. Raba uburorero bumwebumwe.
INTWARO NZIZA
“Maze [Yezu] ahabwa ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa.”—DANIYELI 7:14.
Ico ivyo bisobanura: Urashobora kuzokwiberaho urongowe n’intwaro nziza kuruta izindi zose izoba itwarwa n’Umwami Imana yimitse, ari we Yezu.
AMAGARA MEZA
“Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”—YESAYA 33:24.
Ico ivyo bisobanura: Ntuzokwigera usubira kurwara canke kumugara. Uzobaho udapfa.
AMAHORO MENSHI
“Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”—ZABURI 46:9.
Ico ivyo bisobanura: Intambara zizoba zakuweho be n’amabi yose zikwega.
ISI IZOBA YUZUYE ABANTU BEZA
“Umubisha [ntazoba] akiriho . . . Abatekereza bazokwigabira isi.”—ZABURI 37:10, 11.
Ico ivyo bisobanura: Nta bantu babi bazoba bakiriho, kuko isi izoba iriko gusa abantu bagamburukira Imana.
ISI YOSE IZOHINDUKA IPARADIZO
“Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.”—YESAYA 65:21, 22.
Ico ivyo bisobanura: Isi yose izohinduka ahantu h’akaroruhore. Imana izoba yishuye amasengesho tuyitura dusaba ko ivyo igomba biba “kw’isi.”—Matayo 6:10.