ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wp20 no. 1 rup. 14-15
  • Ukuri ku bijanye na kazoza

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukuri ku bijanye na kazoza
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • INTWARO NZIZA
  • AMAGARA MEZA
  • AMAHORO MENSHI
  • ISI IZOBA YUZUYE ABANTU BEZA
  • ISI YOSE IZOHINDUKA IPARADIZO
  • Icizigiro
    Be maso!—2018
  • Ubwami bw’Imana ni iki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Ubwami bw’Imana burahambaye muri vyose
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
    Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2020
wp20 no. 1 rup. 14-15
Abantu bariko barinovora ubuzima mw’Iparadizo

Ukuri ku bijanye na kazoza

Woba umaze kwibaza ico kazoza katubikiye? Bibiliya iravuga ibintu bihambaye vyimirije kuba bizogira ico bikoze ku bantu bose baba kw’isi.

Yezu yaravuze ivyotumye ‘tumenya yuko Ubwami bw’Imana buri hafi.’ (Luka 21:31) Bimwebimwe mu vyo yavuze, ni uko hobaye intambara zikaze, vya nyamugigima bikomakomeye, amapfa be n’indwara z’ibiza, ivyo nyene akaba ari vyo twibonera muri iki gihe.​—Luka 21:10-17.

Ahandi na ho, Bibiliya irerekana ko “imisi ya nyuma” y’intwaro z’abantu yoranzwe n’ukuntu abantu bokwigenjeje nabi. Urashobora kuvyisomera muri 2 Timoteyo 3:1-5. Iyo wiboneye izo nyifato muri iki gihe, nta nkeka ko uca ubona yuko ivyo bintu Bibiliya yari yaravuze bihuye neza na neza n’ibiriko biraba.

None ivyo vyose vyerekana iki? Vyerekana ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gutuma ng’aha kw’isi ibintu bihinduka bikamera neza. (Luka 21:36) Muri Bibiliya, Imana isezerana ko igiye kuzohezagira isi n’abantu bazoba bayibako. Raba uburorero bumwebumwe.

INTWARO NZIZA

“Maze [Yezu] ahabwa ubutware n’iteka n’ubwami, kugira ngo ibisata vy’abantu, imiryango y’amahanga n’indimi vyose bimukorere. Ubutware bwiwe ni ubutware bwamaho igihe kitagira urugero, butazovaho; ubwami bwiwe na bwo ni ubutazosenyurwa.”​—DANIYELI 7:14.

Ico ivyo bisobanura: Urashobora kuzokwiberaho urongowe n’intwaro nziza kuruta izindi zose izoba itwarwa n’Umwami Imana yimitse, ari we Yezu.

AMAGARA MEZA

Akigeme kariko karatambuka kavuye mu gakinga k’ibimuga

“Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’”​—YESAYA 33:24.

Ico ivyo bisobanura: Ntuzokwigera usubira kurwara canke kumugara. Uzobaho udapfa.

AMAHORO MENSHI

Inkoho ivunaguwe igacika utuvunji

“Ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi.”​—ZABURI 46:9.

Ico ivyo bisobanura: Intambara zizoba zakuweho be n’amabi yose zikwega.

ISI IZOBA YUZUYE ABANTU BEZA

“Umubisha [ntazoba] akiriho . . . Abatekereza bazokwigabira isi.”​—ZABURI 37:10, 11.

Ico ivyo bisobanura: Nta bantu babi bazoba bakiriho, kuko isi izoba iriko gusa abantu bagamburukira Imana.

ISI YOSE IZOHINDUKA IPARADIZO

“Bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo.”​—YESAYA 65:21, 22.

Ico ivyo bisobanura: Isi yose izohinduka ahantu h’akaroruhore. Imana izoba yishuye amasengesho tuyitura dusaba ko ivyo igomba biba “kw’isi.”​—Matayo 6:10.

Abantu bariko barinovora ubuzima mw’Iparadizo
    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika