Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko
Insobanuro imwe y’ugutinya ni “uguha canecane Imana icubahiro kigera kure be n’ukugira akoba karanga ukuyisonera.” Ivyo bidondora ugutinya kwiza kwerekezwako mu Vyanditswe ko ari “itanguriro ry’ubgenge.” (Zab. 111:10) Igihushanye n’ivyo, hari ubundi bwoko bw’ugutinya bwiganziye isi ya Shetani idukikije. Dushobora gute kwirinda iyo nyiyumvo mbi mu gihe dutsimbataza ugutinya kuranga ukwubaha Yehova? Porogarama nshasha y’iteraniro ry’umuzunguruko yo mu mwaka w’umurimo w’2002 iraca irya n’ino ico kibazo. Umutwe-shimikiro uvuga ngo ‘Nimutinye Imana kandi Muyihimbaze.’ (Ivyah. 14:7) Tuzoheza dutahure mu buryo bwinshi ukuntu ugutinya Yehova bitwungura, umwumwe wese ku ruhande rwiwe, be n’ukuntu bitwungura uko tugize ishirahamwe.
Naho ugutinya gushobora kuba kurimwo uguhagarika umutima canke kubura uburindutsi be n’ukutagira ishaka vyo guhangana n’ibihe bigoye, Bibiliya ivuga iti: “Hahirwa uwu[tinya] Uhoraho wese.” (Zab. 128:1) Porogarama y’iteraniro izotwereka ukuntu dushobora guhangana n’ingorane zijanye n’ugusenga kw’ukuri, tukererwa. Tuzobona ukuntu twofasha abashasha gutsimbataza ugutinya Imana kwiza nk’ukwo, ari kwo mu vy’ukuri kuzobasunikira ku gushaka kuyikorera n’umutima wabo wose, n’ubugingo bwabo bwose, n’umuzirikanyi wabo wose be n’inkomezi zabo zose. (Mrk. 12:30) Umusi wa mbere usozerwa n’insiguro y’umucungezi w’intara ifise umutwe uvuga ngo “Nurushirize Kwiyegereza Abo Ukunda.” Azosigura ingene dushobora kuguma turi maso ku kigoro ka Shetani ko kudukevya ngo dute Yehova, umuryango wacu be n’abavukanyi bacu b’Abakirisu.
“Nimutinye Yehova, Ntimutinye Abantu.” Uwo ni umutwe-shimikiro w’uruhererekane rw’insiguro rugizwe n’ibihimba bine ruzoshikirizwa ku musi ugira kabiri. Hazosigurwa igituma n’ingene dutegerezwa gutsinda ugutinya ukwo ari kwo kwose kutubuza kurangura ubusuku bwacu bimwe bishitse, canke kukatubuza kuzigama ukutadohoka kwacu be n’ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi, turi kw’ishure canke aho dukorera. Insiguro y’icese ifise umutwe uvuga ngo “Nutinye Imana Wongere Uzigame Amabwirizwa Yayo” ishingiye ku rukurikirane rw’ibintu bidondorwa mu Vyahishuriwe ikigabane ca 14. Iteraniro ry’umuzunguruko rizosozera riduha ubuyobozi buremesha biciye mu nsiguro ivuga ngo “Nukomeze Kugenda Utinya Yehova.”
Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, Ikoraniro ry’Umurimo ry’akarorero, insiguro yo kubatizwa be n’incamake y’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi, ni ibindi bice bishimishije bizoba biri muri iyo porogarama utazoshaka kugisha. Nutumire abo wigisha Bibiliya kugira ngo muze mujane kuryitaba. Umuntu wese yipfuza kubatizwa akwiye kubibwira umucungezi muhagarikizi hakiri kare bishoboka. Twese tuzoshaka kwerekana ugutinya Yehova kwiza be n’ugutuma aninahazwa, mu kutagisha n’igihimba na kimwe c’iyo porogarama nziza igitangaza!