Porogarama Nshasha y’Iteraniro ry’Umuzunguruko
Turazi yuko Yehova Imana abereye urukundo tumukunda n’ukumuyobokera wenyene. Ariko rero, isi irondera kudukwegakwega ngo itubuze kugumana na we imigenderanire ya hafi. (Yoh. 17:14) Kugira dutsimbataze urukundo dukunda Yehova kandi dukomere mu kunanira ibintu vy’isi bishira mu kaga kamere yacu y’ivy’impwemu, porogarama nshasha y’iteraniro ry’umuzunguruko yo mu mwaka w’umurimo w’2001 izoba ifise umutwe-shimikiro uvuga ngo “Kunda Imana—Ntukunde Ibintu vy’Isi.”—1 Yoh. 2:15-17.
Urukundo rugera kure dufitiye Yehova ruratugobera kumushingira intahe. No ngaho nyene, igikorwa co mu ndimiro nticoroshe kuri benshi mu bagize igisata c’Imana. Mu gice kivuga ngo “Ugukunda Imana Kudusunika mu Busuku Bwacu,” niwige ingene abenshi barengeye isoni hamwe n’izindi ntambamyi, kugira bagire uruhara rwuzuye muri iki gikorwa.
Ugutituka kw’ingingo ngenderwako z’isi kutugirako akosho gute? Ibikorwa vyahora bibonwa nka bibi ubu bisigaye vyitwa ko ari ingendo isanzwe. Insiguro ivuga ngo “Abakunzi ba Yehova Barazira Icitwa Ikibi” hamwe n’uruhererekane ruvuga ruti “Ibintu vyo mw’Isi Tubibona Gute?” bizokomeza umwiyemezo wacu wo kwiyamiriza ivyipfuzo bibi.
Muri porogarama hazoba harimwo Ishure ry’Igikenurwa ca Gitewokarasi n’Ikoraniro ry’Umurimo vy’akarorero, tutibagiye incamake y’Inyigisho y’Umunara w’Inderetsi. Insiguro y’Icese ivuga ngo “Ingene Urukundo n’Ukwizera Binesha Isi,” izoturemesha kwigana Yezu mu kunanira imikazo y’isi. (Yoh. 16:33) Nurabe yuko watumiye abigishwa bawe ba Bibiliya kuzoryitaba. Uwo wese yipfuza kuzobatizwa akwiye kubibwira umucungezi-muhagarikizi vuba bishoboka kugira ngo hakorwe indinganizo zikenewe.
Iryo teraniro ry’umuzunguruko rizokwerekeza umuzirikanyi wacu ku kuraba ahantu urukundo rwacu rukwiye kwibanda neza na neza, gutyo tubone kwinovora imigisha ya Yehova. Ntihaze hagire ikigucika na kimwe muri ryo!