ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 12/01 rup. 1
  • Nuramirize Neza mw’Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nuramirize Neza mw’Ijambo ry’Imana
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe “inkota y’impwemu” ubigiranye ubuhanga
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Woba uburanira Ijambo ry’Imana?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Niwumvishe abandi igihe ubigisha
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • ‘Nuramirize neza mw’Ijambo ry’Imana’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2001
km 12/01 rup. 1

Nuramirize Neza mw’Ijambo ry’Imana

1 Igihe yariko arashinga intahe ku mutegetsi umwe, “Filipo [yar]ateranu[ye] akanwa, atangurira kur’ivyo vyanditswe, amubgira ubutumwa bgiza bga Yesu.” (Ivyak. 8:35) Filipo “[yara]ramiriza neza . . . mw’ijambo ry’ukuri.” (2 Tim. 2:15) Ariko rero muri iki gihe, abacungezi b’ingenzi baramaze kubona yuko abamamaji benshi ari gake cane bakoresha Bibiliya igihe baba bariko barashinga intahe. Woba ukoresha Bibiliya mu busuku bwawe?

2 Ijambo ry’Imana ni ryo soko ry’ivyo twemera vyose be n’ivyo twigisha vyose. (2 Tim. 3:16, 17) Ni ryo rikwegera abantu kuri Yehova kandi rikabacisha ubwenge mu vy’ukubaho. Ni co gituma bihambaye ko dukoresha Bibiliya mu busuku bwacu aho gupfa kuganira ku bintu bidushimisha ubwacu. (Heb. 4:12) Kubera ko abantu benshi bazi bike ku vyerekeye Bibiliya, turakeneye kuyibasomera kugira tubereke inyobozo ngirakimazi itanga be n’ivyo ivuga ku vyerekeye ico kazoza kabikiye umuryango w’abantu.

3 Nusome Bibiliya: Woshobora kwitwaza Bibiliya mu ntoke canke mu mupfuko. Maze igihe utanguje ikiyago n’umuntu, urashobora gusokorora Bibiliya utarinze gutuma nya muntu yibaza ko ugira umwicishe amajambo menshi. Nuhagarare ku buryo uwukwumviriza ashobora gukurikira muri Bibiliya yawe. Kumbure numusabe gusoma umurongo n’ijwi ryumvikana. Iyo umuntu ashobora kwibonera ivyo Bibiliya ivuga biramukora ku mutima kuruta uko yari kukwumviriza gusa uriko uramusomera. Birumvikana ko kugira umufashe gutahura iciyumviro kiri muri ico gisomwa, ukwiye gushimika ku majambo asohora ico ciyumviro.

4 Inshikirizo Ishingiye ku Canditswe: Umaze kwidondora, woshobora kuvuga uti: “Abantu bararondera amasoko atandukanye yobaha ubuyobozi mu buzima bwabo. Ni igiki wibaza yuko ari isoko ryiza kuruta ry’ubuyobozi ngirakimazi? [Numureke yishure.] Wiyumvira iki kuri ibi bivugwa ngaha? [Soma Imigani 2:6, 7 hanyuma urindire inyishu.] Vyaragaragaye ko ubukerebutsi bw’abantu bufise agahaze bimwe vy’agaterantimba, bukaba bushikana abantu benshi ku kwihebura. Ariko ubukerebutsi bw’Imana bwobwo bwaribonekeje yuko bwamye nantaryo ari ubwo kwizigirwa kandi ko ari ngirakamaro.” Maze uce umwereka ikinyamakuru uriko urashikiriza, hanyuma ushimikire ku karorero kamwe ko muri ico kinyamakuru k’ukuntu ubukerebutsi bw’Imana ari ngirakimazi.

5 Yezu yarakoresheje Ivyanditswe kugira asahirize abantu b’imitima nziraburyarya. (Luka 24:32) Paulo yarerekana mu Vyanditswe igihinyuza c’ivyo yigisha. (Ivyak. 17:2, 3) Ugushira ubwoba n’umunezero tugira mu busuku bizokwongerekana uko turushiriza kugira ubuhanga mu kuramiriza neza Ijambo ry’Imana.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika