Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi
(mu Gifaransa)
15 Ntwar.
“Woba wemera yuko ubutegetsi butunganye bushobora gutuma iyi si irushiriza kuba ahantu ho kuba heza kuruta? [Nurindire inyishu.] Ndakwinginze turabe ico Bibiliya isezerana. [Soma Zaburi 37:11.] Turashobora kwinovora mwene ayo mahoro, ayo nayo akazoboneka vy’ukuri igihe c’umutware mwiza yerekanwa muri ibi biganiro.”
Réveillez-vous! 22 Ntwar.
“Nyamugigima zirashobora kwica no kwonona ibintu mu buryo butavugwa. Abarokotse kenshi basigara batagira aho bakika umusaya, ntibagire uburyo bwo kwogorora. Iyi Réveillez-vous! irerekana ingene abashikiwe n’ivyo vyago bashoboye kuvyifatamwo nyamugigima imaze kubica bigacika. Irasigura kandi ukuntu vya nyamugigima biri mu bintu bihambaye cane bigize ubuhanuzi bwa Bibiliya.”
Umunara w’Inderetsi 1 Ndam.
“Reka dusangire iki ciyumviro ceza umutima kivuye muri Bibiliya. [Soma Matayo 22:37.] Wiyumvira ko ivyo bisigura iki? [Nurindire inyishu.] Raba iki kiganiro, kivuga ngo: ‘Nurondeze Imana Umutima Wawe n’Umuzirikanyi Wawe.’ Ukwizera nyakuri kwoba kwerekeye gusa umutima, canke gukwiye kujamwo kandi n’ubwenge? Inyishu iradufasha.”
Réveillez-vous! 8 Ndam.
“Nk’uko ubizi, kwitwararika umuryango ni urugamba muri iyi misi, kandi kuba inabibondo ni igikorwa gisaba akigoro gakomeye. Iyi Réveillez-vous! irimwo ikiganiro gishimishije kivuga ngo: ‘Kuba Inabibondo—Vyoba Bisaba Kuba Umugore w’Inkomezi Zirengeje Urugero?’ Ndipfuza kugusigira iyi kopi.”