ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 4/02 rup. 8
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2002
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2002
km 4/02 rup. 8

Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi

(mu Gifaransa)

15 Ntwar.

“Woba wemera yuko ubutegetsi butunganye bushobora gutuma iyi si irushiriza kuba ahantu ho kuba heza kuruta? [Nurindire inyishu.] Ndakwinginze turabe ico Bibiliya isezerana. [Soma Zaburi 37:11.] Turashobora kwinovora mwene ayo mahoro, ayo nayo akazoboneka vy’ukuri igihe c’umutware mwiza yerekanwa muri ibi biganiro.”

Réveillez-vous! 22 Ntwar.

“Nyamugigima zirashobora kwica no kwonona ibintu mu buryo butavugwa. Abarokotse kenshi basigara batagira aho bakika umusaya, ntibagire uburyo bwo kwogorora. Iyi Réveillez-vous! irerekana ingene abashikiwe n’ivyo vyago bashoboye kuvyifatamwo nyamugigima imaze kubica bigacika. Irasigura kandi ukuntu vya nyamugigima biri mu bintu bihambaye cane bigize ubuhanuzi bwa Bibiliya.”

Umunara w’Inderetsi 1 Ndam.

“Reka dusangire iki ciyumviro ceza umutima kivuye muri Bibiliya. [Soma Matayo 22:37.] Wiyumvira ko ivyo bisigura iki? [Nurindire inyishu.] Raba iki kiganiro, kivuga ngo: ‘Nurondeze Imana Umutima Wawe n’Umuzirikanyi Wawe.’ Ukwizera nyakuri kwoba kwerekeye gusa umutima, canke gukwiye kujamwo kandi n’ubwenge? Inyishu iradufasha.”

Réveillez-vous! 8 Ndam.

“Nk’uko ubizi, kwitwararika umuryango ni urugamba muri iyi misi, kandi kuba inabibondo ni igikorwa gisaba akigoro gakomeye. Iyi Réveillez-vous! irimwo ikiganiro gishimishije kivuga ngo: ‘Kuba Inabibondo—Vyoba Bisaba Kuba Umugore w’Inkomezi Zirengeje Urugero?’ Ndipfuza kugusigira iyi kopi.”

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika