Dufashe Abandi Kuninahaza Yehova
1 Hariko haramamazwa mu bantu bo kw’isi yose ubutumwa buhambaye buvuga buti: “M[utiny]e Imana, muyi[ninah]aze, kukw igihe c’amateka yayo gishitse, musenge iyaremye ijuru n’isi n’ikiyaga n’amasōko y’amazi.” (Ivyah. 14:6, 7) Turi n’agateka ko kugira uruhara muri ukwo kwamamaza. Abantu bakeneye kumenya iki ku vyerekeye Yehova kugira ngo bamutinye bongere bamusenge?
2 Izina Ryiwe: Bakoresheje izina ry’Imana, Abantu barakeneye gushobora gutandukanya Imana yonyene y’ukuri n’imana nyinshi z’ikinyoma zisengwa muri iki gihe. (Gus. 4:35; 1 Kor. 8:5, 6) Kukaba nkako, abanditsi ba Bibiliya bakoresheje izina rurangiranwa rya Yehova incuro zirenga 7.000. Naho dukoresha ubukerebutsi bubereye ku bijanye n’igihe tuvuga izina ry’Imana, dukwiye kutigera turihisha canke ngo twirinde kurikoresha. Imana igomba yuko abantu bose bashika ku kumenya izina ryayo.—Yes. 12:2.
3 Kamere Ziwe: Kugira ngo abantu baninahaze Yehova, barakeneye kumenya ukuntu ameze. Dutegerezwa kubamenyesha urukundo rwiwe rwibonekeje, ubukerebutsi bwiwe ntangere, ubutungane bwiwe butagira agahaze, ububasha bwiwe bwo kuba mushobora vyose hamwe n’ikigongwe ciwe, ubuntu-mvarukundo bwiwe, be n’izindi kamere z’akaroruhore. (Kuv. 34:6, 7) Bategerezwa kandi kwiga gutinya Imana mu buryo bubereye, kuyubaha, bakemera icese yuko ubuzima bafise babukesha ivy’uko bemerwa na Yehova.—Zab. 89:7.
4 Kwiyegereza Imana: Kugira ngo abantu bazorokoke urubanza rw’Imana rugiye kuza, bategerezwa kwambaza Yehova babigiranye ukwizera. (Rom. 10:13, 14; 2 Tes. 1:8) Ivyo ntibirimwo gusa kumenya izina ry’Imana be na kamere zayo. Dutegerezwa gufasha abantu kugiranira ubucuti bwa somambike na Yehova, bakamwizigira n’umutima wabo wose. (Imig. 3:5, 6) Uko bashira mu ngiro ivyo biga, bagahindukirira Imana mw’isengesho baturanye ubwira, bakabona ko Yehova abafasha mu buzima bwabo, ukwizera kwabo kuzokwongerekana, bibafashe kumwiyegereza.—Zab. 34:8.
5 Nimuze twamamaze n’umwete izina ry’Imana twongere dufashe abandi kuyizigira bimwe bishitse no kuyitinya. Twoshobora gufasha n’abandi benshi gushika ku kumenya Yehova no kumuninahaza akababera “[I]mana y’agakiza.”—Zab. 25:5.