ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 6/03 rup. 1
  • Kwamamaza mw’isi iguma ihindagurika

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kwamamaza mw’isi iguma ihindagurika
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe Ibintu Bikunda Gushika Kugira ngo Uvyure Ugushimishwa
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Twitwararike abandi mu kuba twiteguye
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Mu ndimiro nukoreshe ibintu biheruka kuba
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2003
km 6/03 rup. 1

Kwamamaza mw’isi iguma ihindagurika

1 Ese ukuntu ibintu bishobora guhinduka ningoga! Icago c’icaduka, ingorane zo mu vy’ubutunzi, imigumuko yo mu vya politike canke ikiza cadutse kikaba kivugwa cane, birashobora bukwi na bukwi gutuma aho uca hose usanga ari vyo bivugwa. Ariko rero, abantu ntibateba guhindura ivyiyumviro bakavyerekeza ku bindi bintu (Ivyak. 17:21; 1 Kor. 7:31). Muri iyi si iguma ihindagurika, dushobora gute gukwegera ivyiyumviro vy’abantu kugira ngo tubashikirize ubutumwa bw’Ubwami?

2 Nutahure ibiraje ishinga abandi: Uburyo bumwe bwo gukwegera ivyiyumviro vy’abantu, ni mu kuvuga ibintu biriko biraba. Ariko arahimiriza abamwumviriza kuzirikana bitonze ku vyerekeye aho bahagaze ku biraba Imana, igihe kimwe Yezu yaravuze ivyago vyaheruka kwaduka bari bacibuka (Luka 13:1-5). Muri ubwo buryo nyene, igihe dushikiriza inkuru nziza, vyoba vyiza dushizemwo amakuru y’ibiherutse kuba canke ikibazo c’ibiba mu cibare twakebewe kibaraje ishinga mu buzima bwabo. Ariko rero, igihe tuyaga ibijanye n’ingorane nk’izo, dutegerezwa kwiyubara kugira ngo ntitugire aho duhengamira ku vyerekeye ibibazo vya politike canke vyo mu kibano.—Yoh. 17:16.

3 Dushobora gute kumenya ibintu abantu bakunda kwiyumvira muri ico gihe? Kumbure uburyo bwiza kuruta, ni ukubabaza gusa ikibazo maze tukabatega amatwi (Mat. 12:34). Kwitwararika abantu bizodusunikira ku kurondera kumenya ivyiyumviro vy’abandi, maze tukarondera kumenya ibindi tubigiranye ukwiyubara. Ivyiyumviro biseruwe vuba na vuba n’uwo twasanze ku muhana, vyoshobora guhishura ibiraje ishinga abantu benshi bo muri ako karere, gutyo bigashobora kuducira inzira yo gushinga intahe.

4 Gutegura ivyo tuza gushikiriza: Igihe twitegurira umurimo wo mu ndimiro muri iyi si iguma ihindagurika, turashobora gukoresha ka gatabu Uburyo bwo Gutanguza Ibiyago. Amagirenama ngirakamaro y’ukuntu mu vyo dushikiriza twocishamwo ibiba muri iki gihe, ari ku rupapuro rwa 3-4, munsi y’agatwe kavuga ngo “Ibiba Muri Iki Gihe”, no ku rupapuro rwa 5 munsi y’agatwe kavuga ngo “Ubukozi bw’ikibi/Ugutekanirwa”. Amakuru nk’ayo turashobora kuyasanga mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Nyakanga 2000, ku rupapuro rwa 4. Igihe utegura ivyo uza gushikiriza, uraraba neza ko ushiramwo icanditswe kibereye.

5 Uko twihweza ingene ibintu biraza ishinga abantu bo mu cibare twakebewe biguma bihindagurika, turakenera guhuza inkuru nziza dushikiriza n’ibiba bibaraje ishinga. Muri ubwo buryo, tuganira n’abantu ivyo baba bafise ku mutima. Gutyo, turafasha benshi kumenya wa wundi atigera ahindura kamere ziwe n’ingingo ngenderwako ziwe.—Yak. 1:17.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika