Nukoreshe Ibintu Bikunda Gushika Kugira ngo Uvyure Ugushimishwa
1 Woba wipfuza kuronka umukimba udahera w’ivyiyumviro vyiza bizotuma ubusuku bwawe bwama ari bushasha kandi bukavyurira abantu ugushimishwa n’ubutumwa bwa Bibiliya? Koresha rero ibiriko biraba mw’isi no mu kibano iwanyu kugira ngo utanguze ibiyago. Woshobora kwerekeza ku bintu bikunda gushika mu karere no mu gihugu ubamwo canke ku bintu vyo mu makuru avugwa mu yandi. Ivyo bintu vyama biriko birahindagurika. (1 Kor. 7:31) Rimbura uturorero dukurikira.
2 Ingorane z’ivy’ubutunzi hamwe n’iz’uburyo bwo kwibeshaho ni ibintu koko biraje ishinga abantu. Gutyo rero, woshobora kuvuga uti:
◼ “Woba wumvise mu makuru yuko [nuvuge ico kintu] ibiciro vyongeye kuduga?” Canke woshobora kugira ico uvuze ku vyerekeye ubushomeri niba hari ishirahamwe rinini ryahagaritse abakozi benshi. Bivanye n’ukuntu wipfuza gushikiriza ico kiyago, urashobora kubandanya mu kumubaza uti: “Woba warigeze kwibaza igituma bigoye kwibeshaho?” canke uti: “Wiyumvira yuko bizokwama bigoye kwibeshaho?”
3 Inkuru zerekeye ubukazi, nk’ibintu vy’agacavutu bibera mu miryango canke mu banyeshure, biratanga ishimikiro ryo gutanguza ikindi kiyago. Woshobora kubaza uti:
◼ “Woba warasomye mu kinyamakuru yuko [nuvuge nya bintu vy’agacavutu vyashitse mu kibano]?” Hanyuma nubaze uti: “Wiyumvira yuko ari iki gikwega ubukazi bwinshi nk’ubwo mw’isi?” canke “Wiyumvira yuko hazokwigera haba igihe tuzokwumva yuko dutekaniwe?”
4 Amakuru yerekeye amasegenya ayogeza, vya nyamugigima, canke uruhagarara rw’abanyagihugu mu mihingo itandukanye y’isi na yo nyene aratanga amayagwa avyura ugushimishwa. Nk’akarorero, woshobora kubaza uti:
◼ “Imana yoba ari yo yobazwa [nuvuge icago canduruka ku vyaremwe]?” Canke woshobora kwerekeza kw’iyaduka ry’uruhagarara rw’abanyagihugu riherutse hanyuma ukavuga uti: “Niba umuntu wese yipfuza amahoro, ni kuki bigoye kuyashikako?”
5 Nubandanye gukurikirana ibintu biriko biraba ushobora gukoresha mu gihe utanguza ikiyago. Ivyiyumviro kirumara tubisanga mu gitabu Comment raisonner musi y’ahanditse ngo “Ibintu Bikunda Gushika,” ku rupapuro rw’9 n’urw’10. Ariko rero, wirinde kugira aho uhagaze ku bibazo vya politike canke vy’imibano. Ahubwo, erekeza ivyiyumviro vyiwe ku Vyanditswe no ku Bwami bw’Imana nka wo muti rudende uramba w’ingorane z’abantu.