ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 9/00 rup. 1
  • Ubuzima Burageramiwe!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubuzima Burageramiwe!
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Ivyo bijanye
  • Ubutumwa Dutegerezwa Kumenyekanisha
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Nimubandanye Kwamamaza!
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2000
km 9/00 rup. 1

Ubuzima Burageramiwe!

1 Bibiliya iratomora igomba rya Yehova “[ry’u]ko abantu [b’uburyo bw]ose bokira.” Ariko rero, ni ivy’ukuri kandi yuko ivyizigiro vy’ukubaho vy’abantu amamiliyaridi baba kw’isi bivana n’inyifato bafise kuri Yehova Imana n’Ubwami bwiwe burongowe na Yezu Kirisitu. Inyifato ibereye ni iyishobora gusa kuba ishingiye ku “bumenyi bw’ukuri.” (1 Tim. 2:3, 4, UB) Igihe tubura yuko ubu bwa vuba isi izohumanurwa igakurwako ububisha bwose kugira ngo bubise isi nshasha y’Imana izoba irimwo ubugororotsi, twarashinzwe kandi ibanga ryo kubandanya gukora igikorwa ndokorabuzima gifise akamaro kanini cane.—Mat. 24:14; 28:19, 20; Rom. 10:13-15.

2 Ni Kuki Cihutirwa Cane? Yezu yaratanze imburizi ku vyerekeye “amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi.” (Mat. 24:21) Ayo marushwa azoshika ku gihe cayo c’agaheta kuri Harumagedoni. (Ivyah. 16:16) Mu bantu amasinzi baraririye gusangangurwa niba batakiriye inkuru nziza harimwo n’abo mu miryango yacu, ababanyi bacu, abo dukorana, abo twigana be n’abo tuzinanyi batizeye. Mugabo ikituraza ishinga ni ugushikira “abantu [b’uburyo bw]ose” mu kwigana Imana, yo yagaragaje urukundo ifitiye isi yose y’abantu mu gutanga Umwana wayo, Yezu Kirisitu, ngo abe incungu ku bwa bose. (Yoh. 3:16) Dutegerezwa kwita ku rutare n’umwete kugira ngo dusabe bose bahungire ahantu h’Imana hatekanye. Dukoze igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza ku rugero rwuzuye, turashobora kuzibukira ukwagirwa n’amaraso.—Ezk. 33:1-7; 1 Kor. 9:16.

3 Intumbero Yacu Ni Nyabaki? Akamaro k’igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza karashimikwako mw’Ijambo ry’Imana ryose. Nk’uko vyavuzwe n’intumwa Paulo, “urukundo rwa Kristo rutugōbēra” kubaho duhuza n’inzira z’Imana. (2 Kor. 5:14) Vyongeye, Umunara w’Inderetsi urakunda gushimika ku vy’uko tubwirizwa kwamamaza inkuru nziza. Igikorwa Dukorera Ubwami kiguma gitanga ubuyobozi ku kuntu igikorwa c’ukwamamaza inkuru nziza cokorwa. Abakurambere barungunganya ico gikorwa kandi bakaturemesha kukigiramwo uruhara. Abamamaji bagenzi bacu baradutumira ngo twifatanye na bo mu busuku. Turumva vyinshi ku bijanye n’ugutegura amajambo dukoresha mu gutanguza ikiyago, ugutanga ibinyamakuru be n’ibindi bisohokayandikiro, ugusubira kugendera abantu, ukurongora inyigisho za Bibiliya, n’ugukoresha akaryo kabonetse kose ko gushinga intahe. Ivyo vyose biradufasha mu gushitsa iyo ntumbero y’ukurokora ubuzima.—1 Kor. 9:22, 23; Ef. 1:13.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika