Umuhezagiro wa Yehova Utugira Abatunzi
1 Ugutunganirwa kw’umuntu kenshi usanga kurabirwa ku mushahara afata. Ni co gituma abantu benshi babona abafise amahera nka bo bantu bahimbawe kandi baryimaze kuruta abandi bose. Ariko rero, abantu biyumvira yuko amahera ashobora kugura ubuhirwe barihenda bimwe bibabaje. (Umus. 5:12) Nta munezero uramba uriho ku “bagomba kuba abatunzi” mu bintu vy’umubiri. (1 Tim. 6:9) Abasavyi ba Yehova bobo baranezerewe vy’ukuri kandi ni bo bantu batunze kuruta ababa mw’isi bose. (Imig. 10:22; Ivyah. 2:9) Ivyo bishoboka gute?
2 Ikimenyamenya c’Ubutunzi Bwacu: Turafise ubumenyi bw’ivy’impwemu bwinshi kandi tugatahura Ijambo ry’Imana, Bibiliya. Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe ryo kw’isi, aguma atwigisha ibimwerekeye n’ivyerekeye Umwana wiwe, ku bw’inyungu zacu ziramba. Ugutahura kutarimwo agakosa gutuma dushobora kwiyegereza Yehova kandi tukinovora ubucuti bwa hafi na we. (Yak. 4:8) Ukumenya gutandukanya iciza n’ikibi be n’ugukurikira amategeko y’Imana biradukingira indwara n’ingeramizi zimwezimwe. Turafise icizigiro c’uko Yehova azotwitwararika, ivyo bikazotuma tugira ukunezerwa kuva ku Mana be n’amahoro yo mu muzirikanyi.—Mat. 6:33.
3 Turinovora amahoro n’ubumwe mu kivukano cacu co mu vy’impwemu kubera yuko dutsimbataza ivyamwa vy’impwemu y’Imana. Kuba twunzwe n’umugozi ukomeye w’urukundo, ntidukwiye na rimwe kwumva ko twahebwe n’Imana canke n’abavukanyi bacu igihe duhanganye n’amakuba.—Gal. 6:10.
4 Ubuzima bwacu burafise insobanuro n’intumbero nyakuri. Tubona yuko ari agateka k’akaroruhore kwifatanya n’abandi mu gikorwa co kwamamaza inkuru nziza kirangurirwa kw’isi nzima. Ivyo bizana umunezero uramba mu gihe dufasha abandi bakagiranira ubucuti bwiza n’Imana kandi bagasukura bahurikiye hamwe natwe mu gusenga gutyoroye. Itunga ryacu ntangere ry’ubusuku riratera iteka Yehova kandi rikaturonsa akanyamuneza k’ukugira uruhara mw’ininahazwa ry’izina ryiwe. Turazigama inyifato nziza y’umuzirikanyi, tuzi yuko icizigiro cacu ca kazoza kizoranguka ubu bwa vuba.
5 Nitwerekane Ugukenguruka Kwacu: Ese twokwama dukenguruka imihezagiro ya Yehova, yo itugira abantu batunze vy’ukuri kuruta ababa kw’isi bose. (Imig. 22:4) Igihe dufata akanya ku musi ku musi ko kuzirikana ku vyo dufise, biratuma dukengurukira Yehova ku bw’urukundo rwiwe rugwiriye kandi tukabandanya kumusaba we musa.