Rwaruka—Nimwishingire itanguriro ryiza ku bwa kazoza
1. Ni kubera iki urwaruka rukirisu rukeneye gutsimbataza ukwizera gukomeye?
1 Ni igiki kiza imbere y’ibindi mu muzirikanyi wawe? Wiyumvira iki? Ivyo witwararika imbere y’ibindi vyoba vyibanda ku bintu vy’iki gihe, canke vyerekeye kazoza kandi bikibanda ku vyo Imana yasezeranye (Mat. 6:24, 31-33; Luka 8:14)? Umuntu arakeneye kugira ukwizera gukomeye kugira ngo akore yisunze imihango y’Imana, nk’uko bigaragarira ku karorero ka Aburahamu n’aka Musa (Heb. 11:8-10, 24-26). Wotsimbataza gute mwene ukwo kwizera maze ukubaka “itanguriro ryiza [kubw’i]gihe kizoza”?—1 Tim. 6:19.
2. Twigira iki ku karorero ka wa Mwami Yosiya?
2 Nurondere Yehova: Nimba mu muryango wanyu mufise urutonde rw’ibikorwa vy’impwemu murangurira hamwe, ni ikintu ciza. Ariko ntiwiyumvire ko urwo rutonde ruzoca rutuma ugira ukwizera gukomeye. Kugira ngo uronke “ukumenya Imana”, utegerezwa kwironderera Yehova (Imig. 2:3-5; 1 Ngo. 28:9). Wa Mwami akiri muto Yosiya ivyo yarabigize. Naho yakuriye ahantu hatorohereza umuntu gukura mu vy’impwemu, “yatanguye kurondera Imana ya sekuruza Dawidi”, afise imyaka 15 y’amavuka. —2 Ngo. 34:3.
3. Abakirisu bakiri bato muri iki gihe bashobora gute kurondera Yehova?
3 Ushobora kurondera Yehova gute? Mu gusuzuma witonze ivyo wemera kugira ngo ‘umenye neza’ yuko ari ukuri koko (Rom. 12:2). Nk’akarorero, woba ushobora gusobanura ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye amaraso, canke gutanga ikimenyamenya c’uko Ubwami bw’Imana bwatanguye kuganza mw’ijuru mu 1914? Kugira ‘ubumenyi nyakuri’ ni umuce uhambaye mu vyo kwubaka itanguriro ryiza ku bwa kazoza.—1 Tim. 2:3, 4.
4. Abamamaji batarabatizwa bashobora gute kugaragaza iterambere ryabo?
4 Ukurondera Imana kwa Yosiya kwaravuyemwo ivyiza. Atarashikana imyaka 20, yarakoranye uburindutsi arakura ugusenga kw’ikinyoma mu gihugu (2 Ngo. 34:3-7). Nawe nyene, iterambere ryawe ryo mu vy’impwemu rizogaragarira mu vyo ukora (1 Tim. 4:15). Nimba uri umwamamaji atarabatizwa, niwihatire kuryohora ubusuku bwawe. Ntiwishinge gusa gutanga ibisohokayandikiro. Niwishingire intumbero yo gukoresha Bibiliya, gufasha abantu kuzirikana, no kubandanya kwitwararika abagaragaje ugushimishwa (Rom. 12:7). Ivyo bizogufasha gukura mu vy’impwemu.
5. Ni uturyo utuhe two kwagura ubusuku abakirisu babatijwe bafise?
5 Nuhe Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo ufise: Igihe ugereranije ukwiyegurira Yehova kwawe mu kubatizwa, uba ucitse umusuku w’Imana yatiwe (2 Kor. 3:5, 6). Ivyo birakwugururira uturyo two gusukurira Yehova igihe cose. Aho harimwo n’igikorwa c’ubutsimvyi, ico kuri Beteli, ic’ubumisiyonari be no kuba umukozi mvamakungu. Utundi turyo two kwagura ubusuku bwawe ni ukwiga urundi rurimi canke ukuja gukorera ahakeneye abakozi kuruta ahandi.
6. Ni gute twese dushobora kwubaka itanguriro ryiza ku bwa kazoza?
6 Ego ni ko, si bose bashobora kugira uruhara muri utwo duteka tw’umurimo, mugabo umwe wese muri twebwe arashobora guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo afise (Mat. 22:37). Uko ivyawe vyoba vyifashe kwose, gusukurira Yehova nubigire co kintu witwararika kuruta ibindi mu buzima bwawe (Zab. 16:5). Mu kubigira gutyo, uzoba uriko urubaka itanguriro ryiza ku bwa kazoza.