Intunganyo zidufasha kwirinda amaraso
Abamamaji babatijwe bamaze kwuzuza ka gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi (Instructions médicales/Pas de Sang) canke ka gakarata karanzi (kamwe kagenewe abana) tutariko igenekerezo twacapuriweko canke abafise utwanditseko igenekerezo rya 3/99, ntibizoba ngombwa ko buzuza akandi gakarata uyu mwaka. Kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo ku ndwi itangura ku wa 29 Kigarama, umunyamabanga akwiye kuba afise igitigiri gikwiye c’utwo dukarata kugira ngo abamamaji baheruka kubatizwa, abana babo hamwe n’abipfuza gusubiriza utwo bafise baturonke. Amashengero ntazorungikirwa utwo dukarata. Nimba ishengero ridafise udukarata dukwiye, umunyamabanga arashobora kubaza mu mashengero yo mu micungararo canke agasaba utundi dukarata kuri komande y’ibisohokayandikiro ishengero rizogira.
Utwo dukarata dukwiye kwuzurizwa i muhira mu buryo bwitondewe ariko NTIDUSHIRWEKO umukono. Ku Nyigisho y’igitabu y’ishengero ikurikira ni ho utwo dukarata tuzoshirwako umukono, dushirweko ivyabona be n’igenekerezo, ivyo bikazoba bihagarikiwe n’umucungezi w’inyigisho y’igitabu igihe bikenewe. Ku bwa ngingo, ivyo vyabona bakwiye kuba bahari igihe nyen’agakarata agashirako umukono.
Abamamaji batarabatizwa boshobora kwiyandikira amabwirizwa yabo bwite be n’ay’abana babo bakoresheje amajambo ari kuri ka gakarata k’amabwirizwa y’ivy’ubuvuzi (Instructions médicales/Pas de Sang) n’ayari kuri ka gakarata karanzi.