Woba uriko uravyigizayo?
Uti kwigizayo ibiki? Kwuzuza ka gakarata k’Urwandiko ntabanduka rujanye n’ivy’ukuvurwa be n’uwokuvugira (DPA) gahabwa Ivyabona babatijwe. Kubera yuko ‘utazi uko ubuzima bwawe buzomera ejo,’ birahambaye cane ko ufata ingingo imbere y’igihe ukerekana biciye mu nyandiko uburyo n’ubuhinga bwo kwivuza wokwemera mu gihe bibaye ngombwa ko utabarwa vyihutirwa. (Yak. 4:14; Ibik. 15:28, 29) Kugira ngo bikworohere, harasohowe ya videwo ivuga ngo “Soigner sans transfuser : besoins et droits du patient ” (Ukuvura hadakoreshejwe amaraso, ivyo umurwayi akeneye be n’agateka kiwe bikubahirizwa). Nuyirabe, maze wifashishije ibibazo biri aha hepfo usubiremwo ubijanisha n’isengesho ivyo wahigiye.—Twashaka ubanze umenye ibi: Kubera yuko muri iyo videwo hari ibihe bigufibigufi vyerekana abantu bariko barabagwa, abavyeyi barakwiye kwiyubara bagafata ingingo nimba bororera iyo videwo bari kumwe n’abana bakiri bato canke batari kumwe na bo. Aho izo videwo zitaboneka, nimurimbure ibiganiro bivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi” biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 be n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000, canke ikiganiro kivuga ngo “Woba Ugabirije Guhangana n’Imbangamyi y’Ivy’Ukuvurwa Yotuma Ukwizera Kwawe Kugeragezwa?” kiri mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Rusama 1994.
(1) Ni kubera iki abahinga mu vy’ubuvuzi bariko barahindura ivyiyumviro ku bijanye no gutera amaraso? (2) Tanga uburorero butatu bw’ukubaga kugoye cane kwagizwe hadakoreshejwe amaraso. (3) Ni abaganga be n’abahinga mu vy’ukubaga bangahe kw’isi yose bemeye kuvura abarwayi batabateye amaraso? Ni kubera iki bemera kubigira? (4) Ivyigwa biheruka kugirwa n’ibitaro vyahishuye iki ku bijanye no gukoresha amaraso? (5) Ni inkurikizi mbi izihe zishobora kuhaba igihe umuntu atewe amaraso mu kuvurwa? (6) Ni iciyumviro ikihe abahinga karuhariwe benshi bashitseko ku bijanye n’ivyiza biva ku kwikora ku buhinga be no ku miti bituma hadakoreshwa amaraso? (7) Ni igiki gituma amaraso akeha mu mubiri? Umubiri w’umuntu ushobora kwihanganira iryo keha ry’amaraso ku rugero rungana iki? Ni ibiki vyokorwa kugira ngo uwakeheje amaraso afashwe? (8) Ihingurwa ry’utugingo dutukura two mu maraso rishobora gukaburwa gute mu mubiri w’umurwayi? (9) Ni ubuhinga ubuhe buriko burakoreshwa kugira ngo bagabanye amaraso atakara mu gihe c’ukubaga umurwayi? (10) Imiti n’ubuhinga bikoreshwa bigatuma hadakoreshwa amaraso, vyoba bishobora gukoreshwa ku bana bakiri batoyi canke ku barwayi baremvye cane bakeneye gutabarwa vyihutirwa? (11) Imwe mu ngingo ngenderwako nyamukuru y’ukuvura neza umurwayi ni iyihe? (12) Ni kubera iki bihambaye yuko abakirisu bahitamwo imbere y’igihe uburyo bipfuza ko bwokoreshwa mu kuvurwa hadakoreshejwe amaraso? Ivyo twobigira gute?
Kwemera bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kuvurwa bwerekanywe muri iyo videwo, ni ingingo umuntu yifatira yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Woba warafashe ingingo itomoye ku bijanye n’uburyo bwo kwivuza wipfuza ko bwokoreshwa kuri wewe no ku bana bawe maze ugaca wuzuza ka gakarata DPA? Ushaka amakuru y’ido n’ido ku bijanye n’ivyo bibazo, nusubire kurimbura witonze ikigabane ca 7 mu gitabu ‘Urukundo rw’Imana’ be n’amarabiro avugwamwo. Raba kandi inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006 ivuga ngo “Ni ingingo izihe nkwiye gufata ku bijanye n’uduhimba twakuwe muri vya bihimba nyamukuru bigize amaraso no ku bijanye n’uburyo bwo kumvura hakoreshejwe amaraso yanje bwite?” Mu nyuma, nurabe neza ko wanditse ata makosa ibijanye n’amahitamwo yawe kuri ka gakarata DPA. Abo wahisemwo ngo baguserukire mu bijanye n’ukuvurwa be n’abagize umuryango wawe batari Ivyabona, barakwiye kumenyeshwa neza ingingo wafashe.
[Uruzitiro ku rup. 3]
• Woba warafashe ingingo ku bijanye n’uburyo bwo kwivuza wokwemera ko bukoreshwa kuri wewe no ku bana bawe?
• Woba wama witwaje agakarata DPA kujuje neza kugira ngo kagufashe mu gihe hoshika ibintu vyihutirwa?