ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/11 rup. 2
  • Woba uzi uburyo wohitamwo?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uzi uburyo wohitamwo?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2011
  • Ivyo bijanye
  • Woba uzi uburyo wohitamwo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Uburyo burushirije kuba bwiza bwo kuvurwa ni ubuhe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Woba uriko uravyigizayo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Woba uriko uravyigizayo?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2011
km 1/11 rup. 2

Woba uzi uburyo wohitamwo?

Ubuhinga bwo kubaga umurwayi hadakoreshejwe amaraso, buriko burakoreshwa mu mavuriro aguma arushiriza kwongerekana hirya no hino kw’isi. Woba none ufise amakuru y’imvaho ku bijanye n’uburyo buhari bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso? Urakeneye kubumenya kugira ngo ushobore gufata ingingo zishingiye ku bintu uzi kandi utahura neza mu bijanye n’uburyo bwo kuvurwa no kubagwa. Raba ya videwo ivuga ngo Pas de sang : la Médecine relève le défi (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso). Umaze kuyiraba, nusuzume ivyo wize ubijanisha n’isengesho, wifashishije ibibazo biri aha hepfo. Ibimenyeshejwe: Kubera yuko iyo videwo irimwo ibice bigufibigufi vyerekana abantu bariko barabagwa, abavyeyi barakwiye kwiyubara bagafata ingingo nimba bororera canke batororera iyo videwo bari kumwe n’abana bakiri bato. Nimba iyo videwo idashobora kuboneka, nimusubire kwihweza ikiganiro kivuga ngo “Ibibazo vy’abasomyi” co mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000, canke ikivuga ngo “Woba witeguriye guhangana n’ingorane z’ivy’ubuvuzi zotuma ukwizera kwawe kugeragezwa?” co mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Ntwarante 2010 maze muri ibi bibazo bikurikira murimbure ibihuye n’ayo mayagwa.

(1) Imvo nyamukuru ituma Ivyabona vya Yehova banka guterwa amaraso ni iyihe? (2) Ku bijanye no kuvurwa, ni icipfuzo ikihe Ivyabona vya Yehova bafise? (3) Ni uburenganzira nyamukuru ubuhe abarwayi bafise? (4) Ni kubera iki guhitamwo imiti be n’ubuhinga bituma hadakoreshwa amaraso ari ikintu cumvikana kandi kiranga ukwitaho ibintu? (5) Igihe umuntu atakaje amaraso menshi, ni ibintu bibiri ibihe abaganga bihutira kugira imbere y’ibindi vyose? (6) Uburyo bwo kuvura hadakoreshejwe amaraso bwisunga ingingo zine izihe? (7) Abaganga boshobora gukora iki kugira ngo (a) umurwayi ntatakaze amaraso menshi, (b) bazigame utugingo ngengabuzima dutukura, (c) bakabure umubiri ngo uhingure amaraso, be no kugira ngo (d) umurwayi agarurirwe amaraso yatakaje? (8) Nudondore ubuhinga bwitwa (a) hémodilution be n’ubwitwa (b) récupération de sang épanché. (9) Ni ibiki woshima kuronderera amakuru ku bijanye n’uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso? (10) Mbega umurwayi yoba ashobora kubagwa mu buryo bukomeye kandi bugoye batamuteye amaraso? (11) Ni amahinduka meza ayahe ariko araba mu bakora ivy’ubuvuzi?

Kwemera bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kuvurwa bwerekanywe muri iyo videwo ni ingingo umuntu yifatira yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Woba warafashe impagararo itomoye ku bijanye n’uburyo bwo kwivuza wokwemera ko bukoreshwa kuri wewe no ku bana bawe maze ugaca wuzuza ka gakarata DPA? Ushaka ikiganiro kirimbura bimwe bishitse ibijanye n’ivyo, nusuzume witonze “Ibibazo vy’abasomyi” biri mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 be n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000. Nuce rero ukoresha za nkaratasi zo kwifashisha dusanga mu nyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2006 zifise umutwe uvuga ngo “Ni ingingo izihe nkwiye gufata ku bijanye n’uduhimba twakuwe muri vya bihimba nyamukuru bigize amaraso no ku bijanye n’uburyo bwo kumvura hakoreshejwe amaraso yanje bwite?”, kugira ngo wifatire ingingo ku bijanye n’uburyo wokwemera canke utokwemera. Mu nyuma, nurabe neza ko wanditse ata makosa ibijanye n’amahitamwo yawe kuri ka gakarata kawe DPA. Abo wahisemwo ngo baguserukire mu bijanye n’ukuvurwa be n’incuti izo ari zo zose zitari Ivyabona barakwiye kumenyeshwa neza ibijanye n’ingingo wafashe.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika