Uburyo burushirije kuba bwiza bwo kuvurwa ni ubuhe?
“Umurwayi wese abazwe hadakoreshejwe amaraso, ku bwa ngingo, aba ari we avuwe mu buryo bwiza kuruta”. Ukwo ni ko Michael Rose, Dogoteri mu vy’ubuvuzi akaba n’umuhinga mu vyo gusinziriza yavuze. Ni ubuhinga ubuhe be n’imiti isubirira amaraso iyihe bishobora gukoreshwa mu bijanye no ‘kubagwa hadakoreshejwe amaraso’? Urakeneye kubimenya kugira ngo ufate ingingo zishingiye ku vyo uzi neza mu bijanye n’uburyo bwo kuvurwa no kubagwa. Raba ya videwo ivuga ngo Pas de sang: la médecine relève le défi (Ubuvuzi butsinda urugamba rwo kuvura hadakoreshejwe amaraso.). Umaze kuyiraba, nusuzume ivyo watahuye mu kwibaza ibibazo bikurikira. Twashaka ubanze umenye ibi: Kubera yuko muri iyo videwo hari ibihe bigufibigufi vyerekana abantu bariko barabagwa, abavyeyi barakwiye kwiyubara bagafata ingingo nimba bororera canke batororera iyo videwo bari kumwe n’abana bakiri bato.
(1) Imvo nyamukuru ituma Ivyabona vya Yehova banka guterwa amaraso ni iyihe? (2) Ku bijanye n’ivyo kubungabunga amagara, ni icipfuzo ikihe Ivyabona vya Yehova bafise? (3) Ni uburenganzira nyamukuru ubuhe abarwayi bafise? (4) Ni kubera iki vyumvikana kandi biranga ubukerebutsi guhitamwo guterwa imiti itangwa mu gishingo c’amaraso? (5) Igihe umuntu atakaje amaraso menshi, ni ibintu bibiri ibihe abaganga bihutira kugira imbere y’ibindi vyose? (6) Uburyo nyamukuru bune bwo kuvura busubirira ivyo gutera amaraso ni ubuhe? (7) Abaganga bokora iki kugira ngo (a) umuntu ntatakaze amaraso menshi, (b) bazigame utugingo ngengabuzima dutukura, (c) bakabure umubiri ngo uhingure amaraso no kugira ngo (d) umurwayi agarurirwe amaraso yatakaye? (8) Dondora ubuhinga bwitwa (a) hémodilution be n’ubwitwa (b) récupération de sang épanché. (9) Ni ibiki woshima kumenyesha ku vyerekeye uburyo ubwo ari bwo bwose bwo kuvurwa busubirira amaraso? (10) Mbega umuntu yoba ashobora kubagwa mu buryo bukomeye kandi bugoye batamuteye amaraso? (11) Ni ivyiyumviro vyiza ibihe biriko biragwira mu bajejwe ubuvuzi?
Kwemera bumwebumwe muri ubwo buryo bwo kuvurwa bwerekanywe muri iyo videwo, ni ingingo umuntu yifatira yisunze ijwi ryiwe ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya. Woba waramaze guhitamwo uburyo bwo kuvurwa hadakoreshejwe amaraso wipfuza ko bwokoreshwa kuri wewe no ku bana bawe? Abo mu muryango batari Ivyabona na bo nyene urakwiye kubasigurira neza ivy’izo ngingo wafashe be n’igituma wazifashe.—Raba “Ibibazo vy’abasomyi” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruheshi 2004 n’uwo ku wa 1 Munyonyo 2000.