ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb16 Gitugutu rup. 8
  • Woba ukoresha neza udukarata twa JW.ORG?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba ukoresha neza udukarata twa JW.ORG?
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
  • Ivyo bijanye
  • Nukoreshe igice c’intango ca JW.ORG mu ndimiro
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2023
  • Intunganyo zidufasha kwirinda amaraso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • Inyishu ku Bibazo Vyanyu
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro: Gukoresha JW.ORG
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
mwb16 Gitugutu rup. 8

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Woba ukoresha neza udukarata twa JW.ORG?

Icabona ca Yehova ahaye umuntu agakarata ka jw.org

Kubera ko twimirije amakuba akomeye, kwamamaza birihutirwa cane. (Img 24:11, 12, 20) Kugira dufashe abantu, turashobora gukoresha udukarata twa jw.org kugira tuberekeze kw’Ijambo ry’Imana canke ku rubuga rwacu. Utwo dukarata turiko kode ishikana umuntu kuri ka kavidewo kavuga ngo Ni kubera iki ukwiye kwiga Bibiliya? Turiko n’ubutumwa bumuremesha gusaba kwiga Bibiliya canke kumenya n’ibindi. Hari abantu batoshima kwakira ibitabu vyacu mugabo bagashima kuja ku rubuga rwacu. Ntiwitinye kubaha ako gakarata. Ariko rero, ntuze ugasigire abatagaragaje ugushimishwa.

Igihe uri mu dukorwa twawe twa misi yose, urashobora kuvyurira umuntu ugushimishwa mu kumubwira gusa uti: “Hari akantu nashaka kuguha. Aka gakarata kagushikana ku rubuga ushobora kuronkako amakuru be n’amavidewo bitandukanye ku buntu.” (Yoh 4:7) Kubera ko utwo dukarata ari dutoduto, urashobora kuza uragendana dukeyi kugira ushinge intahe uronse akaryo.

TANGA AKO GAKARATA . . .

  • igihe ushinga intahe akaryo kizanye

  • igihe ushinga intahe aho badandariza

  • igihe hari umuntu ashimye ivyo twigisha ariko akaba ata gitabu ashaka

Agakarata ka jw.org kerekana Bibiliya izinguruye
Agakarata ka jw.org kerekana Icabona ca Yehova ariko yigisha Bibiliya umuryango umwe
Inyuma ku gakarata ka jw.org

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika