“Mukunde Uhoraho, yemwe bakunzi biwe mwese”
Urupfu rwa Yezu ruzohimbazwa ku wa 4 Ndamukiza
1 Mu myaka iheze, igihe Ukraine yatwarwa n’abakomunisita, abategetsi bararereka abavukanyi bavyitondeye, canecane igihe umusi wo guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba waba wegereje, kubera baba bizigiye kwubura ikibanza bakoraniramwo. Ivyo vyamye nantaryo ari ingorane, kubera abategetsi baba bazi itariki iryo himbaza rishobora kuberako. Abavukanyi bari kugira iki? Inzu y’umuvukanyikazi umwe yari ifise icumba co mu kuzimu kidengereye amazi. Kubera yuko abategetsi batari kwitega ko abantu bahakoranira, abavukanyi barubatse umutaramuro hejuru y’ayo mazi yagera ku mavi. Naho bategerezwa kwicara basutamye kuri uwo mutaramuro kubera ko wari wegereye idari, nta n’umwe yabavuruze igihe iryo shengero ryahimbaza Icibutso rinezerewe.
2 Umwiyemezo w’abavukanyi bacu bo muri Ukraine wo kugamburuka itegeko ryo kwibuka urupfu rwa Yezu cari ikintu kigaragaza bimwe bidasanzwe urukundo bakunda Imana (Luka 2:19; 1 Yoh. 5:3). Igihe cose duhanganye n’intambamyi mu buzima bwacu, nimuze dukure indemesho kuri mwene utwo turorero, maze twiyemeze kuzoba ari ho turi kugira ngo duhimbaze Imfungurwa z’Umukama zo ku Mugoroba ku wa 4 Ndamukiza. Tubigenjeje gutyo, tuba twerekanye ko dufise inyiyumvo nk’iz’umwanditsi wa Zaburi, we yaririmvye ati: “Mukunde Uhoraho, yemwe bakunzi biwe mwese”.—Zab. 31:23.
3 Fasha abandi bakure mu rukundo bakunda Imana: Urukundo dukunda Imana ruradusunikira kandi ku gutumira abandi ngo duhimbarize hamwe urupfu rwa Yezu. Inyongera y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Ruhuhuma yaremesheje umwe wese muri twebwe kugira urutonde rw’abo ategekanya gutumira ku Cibutso. Woba uriko urabandanya ubigiranye umwete guha ubutumire umuntu wese washize ku rutonde? Nufate umwanya wo kubasigurira akamaro k’urwo rubanza. Kubibutsa ubigiranye ubugwaneza umusi be n’igihe Icibutso kizoberako kandi nimba bibereye, ukabasaba ko mwojana, vyoshobora kubaremesha kucitaba.
4 Ku Cibutso, nugire akigoro kadasanzwe ko kuramutsa abemeye ubutumire bwacu, kandi utume bumva bisanze. Ushobora gute kubafasha gukura mu rukundo bakunda Yehova? Niwitegurire kwishura ibibazo vyabo. Niwitegurire kubasaba kubagirira inyigisho ya Bibiliya nimba bibereye. Nubatumire kwitaba amakoraniro y’ishengero agirwa ku ndwi ku ndwi. Abakurambere bazoshima kwitwararika canecane abakirisu bahororokewe bacitavye. Barashobora kuringaniza ivyo kugendera mwene abo bantu maze bakabaremesha gusubira kuvyura igikorwa cabo, kumbure bakubakira ku vyiyumviro vyashikirijwe mu nsiguro y’Icibutso.—Rom. 5:6-8.
5 Dutume urukundo ubwacu dukunda Yehova ruba urwimbitse: Kuzirikana ku ngabirano y’incungu birashobora gutuma urukundo dukunda Yehova n’Umwana wiwe ruba urwimbitse (2 Kor. 5:14, 15). Icabonakazi umwe amaze igihe kirekire yitaba Icibutso yavuze ati: “Twama turindirana umushasharo Icibutso. Kirarushiriza kutubera ikidasanzwe ku mwaka ku mwaka. Ndibuka mpagaze mu buruhukiro ubu hakaba haciye imyaka 20, nitegereza ikiziga ca dawe nakunda, naciye ndushiriza gukenguruka incungu bimwe bivuye ku mutima. Imbere y’aho, incungu cahora ari ikintu mfiseko ubumenyi gusa. Emwe, nari nzi ivyanditswe vyose bivuga incungu no kubisigura! Ariko igihe numva akosho gakomeye urupfu rwa dawe rwangizeko, ni ho umutima wanje waciye unezererwa vy’ukuri ibintu tuzogirirwa biciye kuri iyo ncungu y’agaciro”.—Yoh. 5:28, 29.
6 Uko itariki y’Icibutso y’uyu mwaka yegereza, nufate umwanya wo kwitegurira urwo rubanza (2 Ngo. 19:3). Nuzirikane ku busomyi bwa Bibiliya budasanzwe bwo mu kiringo c’Icibutso, ubwerekanwa mu gatabu Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2004 be no kuri Calendrier 2004. Bamwebamwe barahimbarwa no gusubira kwihweza ibigabane vya 112-116 mu gitabu Umuntu Ahambaye mu kiringo c’inyigisho yabo y’umuryango. Abandi baragira ubundi bushakashatsi bakoresheje ibindi bintu bifasha kwiga, bitangwa na wa mugwi w’umushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge (Mat. 24:45-47). Twese turashobora gucisha ingabirano y’incungu mu masengesho duturana ubwira (Zab. 50:14, 23). Emwe, muri iki kiringo c’Icibutso, nimuze tubandanye kuzirikana ku rukundo Yehova adukunda twongere turondere uburyo bwo kugaragaza urukundo tumukunda.—Mrk. 12:30; 1 Yoh. 4:10.