Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova 15 Rus.
“Woba urigera wibaza nimba ibintu abantu bakora kw’isi hari ico bigira ku Mana? [Rindira yishure.] Raba ukuntu ivyo dukora bishobora kugira ico bikoze ku nyiyumvo z’Imana. [Soma Imigani 27:11.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino uturorero tumwetumwe tw’abantu batumye umutima w’Imana unezerwa, kandi kirasigura ukuntu twogira nk’ukwo nyene”.
Be maso! 22 Rus. (mu gifaransa)
“Siyansi y’ivy’ubuvuzi yaragize iterambere riboneka mu vyo kurwanya indwara, mugabo none, wibaza ko tuzokwigera tubona isi itagiramwo indwara? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura yuko hazogera igihe umuntu wese ari kw’isi akagira amagara atagira agahonzi, uwu muhango niwaranguka”. Soma Yesaya 33:24.