Ihwaniro ry’Intara riratuvyurira ishaka ryo kugendana n’Imana
Ese ukuntu rya Hwaniro ry’Intara ryataziriwe ngo “Gendana n’Imana” ryumvikanishije ubu buyobozi butomoye bwa Yehova bugira buti: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana” (Yes. 30:21)! Gushira mu ngiro inyigisho twaronse bizodufasha ‘kuguma twirinda cane uburyo tugenda’ (Ef. 5:15). Kuzirikana ku vyo twize bizodufasha uko ‘tubandanya kugendera mu kuri’.—3 Yoh. 3.
Nukoreshe ibibazo bikurikira hamwe n’utwo wiyandikiye kugira witegurire isubiramwo ry’iyo porogarama y’ihwaniro ryagizwe muri uyu mwaka wongere urigiremwo uruhara. Iryo subiramwo rizogirwa kw’Ikoraniro ry’umurimo ryo mu ndwi itangura ku wa 18 Gitugutu.
1. Henoki yashoboye gute kugendana n’Imana naho yari abayeho mu bihe bidurumbanye (Heb. 11:1, 5, 6; Yuda 14, 15; “Tugendane n’Imana mu bihe bidurumbanye”)?
2. Ni mu mice iyihe y’ubuzima ingingo ngenderwako iri muri Luka 16:10 yoshobora gukurikizwa (“Woba uri ‘umwizerwa mu bintu bitobito cane?’ ”)?
3. (a) Nuvuge ivyigwa ngirakimazi bine dusanga muri Hoseya ikigabane ca 6 gushika ku ca 9 bizodufasha kugendana n’Imana (Hos. 6:6, 7; 7:14; 8:7). (b) Ni ibindi vyiyumviro ibihe vyo muri Hoseya ikigabane ca 10 gushika ku ca 14 bidufasha kugendana n’Imana (“Ubuhanuzi bwa Hoseya buradufasha kugendana n’Imana”—Uruhererekane)?
4. Ni ibintu ngirakimazi ibihe abanega n’abakenyezi bakirisu bashobora gukora kugira batume umubano wabo w’ababiranye uguma ukomeye (Imig. 12:4; Ef. 5:29; “Ntumature ‘ico Imana yamatanije’ ”)?
5. Twerekana gute ko twubaha imitororokano yacu myeranda (Umus. 5:1; Yes. 66:23; “Twerekane ko twubaha imitororokano yacu myeranda”)?
6. (a) Ni imice itatu ihambaye iyihe y’igikorwa cacu co kwamamaza dukwiye gusuzuma kugira twiyemeze ko turiko tukigiramwo uruhara ruri n’ico ruvuze (Yes. 52:7; Zek. 8:23; Mrk. 6:34)? (b) Ni imice iyihe y’agatabu Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose wewe ubona ko igufitiye akamaro gusumba iyindi? (“Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose”; “Mu gufasha abavuga urundi rurimi”)?
7. Twoshobora gute gufasha abashasha gushira umutima mu nda igihe bashikiriza ubutumwa bw’Ubwami (Abac. 7:17; “Mu gufasha amasinzi y’abantu ngo bifatanye natwe mu busuku”)?
8. Tugaragaza gute ko twajijutse yuko “umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi” (Zef. 1:14; ‘Tugenda turongorwa n’ukwizera, ntiturongorwa n’ivyo tubona’)?
9. (a) Gutsitazwa canke gutsitaza abandi bikomeye ku rugero rungana iki (Mrk. 9:42-48)? (b) Dushobora gute kwirinda gutsitazwa (Zab. 119:165)? (c) Dushobora gute kwirinda gutsitaza abandi (1 Kor. 10:24; “Twirinde ‘ikintu ico ari co cose gitsitaza’ ”)?
10. Dushobora gute kugumana uburimbane mu vyo kurondera uwo tuzokwubakana, mu vyo kurondera amagara meza no mu vy’urudandaza (Zab. 26:4; Mat. 6:25; 1 Tim. 6:9; ‘Mwamane umutima ugavye’)?
11. (a) Ni ikintu ikihe gishimishije ku bijanye n’ibihe Yezu yaba yakiriwe n’abandi (Luka 10:42; 24:32)? (b) Dushobora gute kwiruhura mu buryo butuma twebwe ubwacu hamwe n’abandi twumva turuhuriwe (1 Kor. 10:31-33; “Ibikorwa vyiza biruhûra”)?
12. Twisunze Zaburi ya 23, ni imihezagiro iyihe twebwe intama za Yehova turonka, kandi ni amabanga ayahe tujejwe (1 Kor. 10:21; “Yehova ni we Mwungere wacu”)?
13. Abakirisu bumvira gute impanuro yahumetswe ibasaba ‘kwicungurira umwanya ubereye’? (Ef. 5:16, NW; ‘Twicungurire umwanya ubereye’)?
14. (a) ‘Igihe c’urubanza’ kivugwa mu Vyahishuriwe 14:7, (UB), kirimwo n’iki? (b) Tugaragaza gute ko twitandukanije koko na Babiloni Hahambaye (“ ‘Mwame mugavye’—igihe c’urubanza cashitse”)? (c) Ni ivyiyumviro ibihe vyo muri ka gatabu Mwame mugavye! vyaguhimbaye?
15. Nuvuge kamere zitatu zikenewe, ziturinda ‘guta inzira igororotse’ (2 Pet. 2:15; “Twirinde ‘guta inzira igororotse’ ”).
16. Urwaruka rushobora gute kwirinda “inzira y’abanyakibi” (Imig. 4:14; “Rwaruka—nimugendere mu nzira y’ubugororotsi”)?
17. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe Paulo yari akarorero ntangere k’ukwihangana (Ivyak. 14:19, 20; 16:25-33)? (b) Ni kubera iki bidakenewe ko dutinya abarwanya ugusenga kw’ukuri (Igikino c’ivya Bibiliya be n’insiguro ivuga ngo “Dushinge intahe inogangije muri iki gihe naho boba baturwanya”)?
18. Ni imihezagiro iyihe abagendana n’Imana baronka (“Kugendana n’Imana birazana imihezagiro ubu no mu bihe bidahera”)?
Nimuze twiyemeze kwumvira ‘ijambo riduturuka inyuma’ kugira ngo tugendane na Dawe wa twese wo mw’ijuru ibihe bidahera.—Yes. 30:21; Yoh. 3:36.