Isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza agatabu gashasha
1 Abantu benshi baravurugwa umutwe n’ukuntu ivyo kw’isi vyifashe, mugabo bake ni bo batahura igituma ibintu vyifashe gutyo, ibiraririye gushika be n’ico bategerezwa gukora kugira ngo bazorokoke urubanza rwimirije (Ezk. 9:4). Kugira tubafashe kubona ico ibihe tubayemwo bisobanura, hari isekeza ridasanzwe ryo gushikiriza ka gatabu gashasha kavuga ngo Mwame mugavye! rizogirwa kuva ku wa mbere igenekerezo rya 18 Gitugutu gushika ku w’iyinga igenekerezo rya 14 Munyonyo.
2 Ako gatabu gashobora gushikirizwa igihe turi mu busuku bw’inzu ku nzu, igihe dusubira kuraba abo twayaze, igihe dushinga intahe akaryo kizanye canke igihe turiko dukorera mu bibanza bicamwo kibure bihuriramwo abantu benshi. Ariko rero, ako gatabu Mwame mugavye! ntigakwiye gupfa gutangwa. Ahubwo riho, kazohabwa gusa abagaragaza ko bashimishwa n’ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye insobanuro y’ibiba kw’isi. Aberekanye ko badashimishwa cane n’ubwo butumwa, boshobora guhabwa agapapuro k’inkuru nziza mu gishingo c’ako gatabu.
3 Ushobora gukwegera ivyiyumviro vy’umuntu mu kuvuga uti:
◼“Abantu benshi bararajwe ishinga n’ingorane zikomeye be n’ibintu bivuna umutima vyeze muri iki gihe. [Nuvuge akarorero kazwi aho iwanyu.] Wari uzi ko ibintu nk’ivyo vyari vyarabuwe muri Bibiliya? [Rindira yishure. Nuce usoma icanditswe gihuye n’akarorero wavuze, nka Matayo 24:3, 7, 8; Luka 21:7, 10, 11; canke 2 Timoteyo 3:1-5.] Bibiliya irahishura ico ibihe tubayemwo bisobanura be n’ibiraririye gushikira umuryango w’abantu. Woba woshima kumenya n’ibindi? [Rindira yishure. Numuhe nya gatabu niba yashimishijwe bimwe bivuye ku mutima.] Aka gatabu gatangwa ata co umuntu arishe. Niba wipfuza gutanga intererano ibayabaye ku bw’igikorwa cacu kirangurirwa kw’isi yose, twohimbarwa no kuyakira”.
4 Canke ushobora gusanga ubu buryo bwo gutanguza ikiyago bwoba kirumara:
◼ “Benshi muri iki gihe baratewe intuntu n’ibintu bivuna umutima biba canke ibintu vy’agacavutu bishikira umuntu ukwiwe. Hari abibaza igituma Imana itahaseruka kugira ibuze ibintu nk’ivyo ngo ntibishike. Bibiliya idukura amazinda yuko vuba Imana igiye kugira ico ikoze kugira ngo ikize umuryango w’abantu ugucumukura. Raba ivyiza Imana izozanira umuryango w’abantu. [Soma Zaburi 37:10, 11.] Woshima kumenya n’ibindi?”. Nusozere nk’uko vyerekanywe mu ngingo y’imbere y’iyi.
5 Nugerageze kumenya izina na aderese vy’umuntu wese yemera kwakira ako gatabu, maze uringanize ivyo gusubira kumugendera kugira ngo utsimbataze ugushimishwa. Inama tugirwa ku bijanye n’ukuntu ivyo vyogirwa zizoboneka mu nomero y’Igikorwa dukorera Ubwami co muri Munyonyo 2004. Niba ubona ko umuntu ashimishwa cane igihe umugendeye ubwa mbere, woshobora guca utanguza inyigisho ya Bibiliya ubwo nyene ukoresheje ako gatabu Mwame mugavye! canke akandi, nk’agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?.
6 Amakopi y’ako gatabu gashasha azoboneka inyuma y’Ikoraniro ry’umurimo iki kiganiro kizoba kirimburirwako. Vyoba vyiza abamamaji n’abatsimvyi mu ntango batwaye gusa udutabu bazokenera mu misi mikeyi ya mbere y’iryo sekeza. Ese Yehova yohezagira ico gikorwa kidasanzwe kizokorwa ku bw’ukumushemeza no ku bw’inyungu y’abantu bose b’inziraburyarya bo mu mihingo yose.—Zab. 90:17.