Porogarama y’Umusi w’iteraniro ridasanzwe ryimirije
Ijisho ni ikintu gihinguwe mu buryo bw’agatangaza (Zab. 139:14). Yamara, ntibishoboka ko umuntu ashinga ijisho ku bintu bibiri icarimwe. Ivyo ni ko bimeze no ku vyerekeye ukuraba kwo mu buryo bw’ikigereranyo. Kugira ngo ukubona kwacu kwo mu buryo bw’impwemu kube ugutomoye kandi kugume gushinze ku kintu kimwe, dutegerezwa gushingira ivyiyumviro vyacu ku gukora ivyo Imana igomba. Turavye ukuntu ibisamaza vyo muri iyi si ya Shetani bibandanya kugwirirana kuruta uko vyahora, ese ukuntu bibereye kubona porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe ryo mu mwaka w’umurimo wa 2006 izoca irya n’ino umutwe-shimikiro uvuga ngo “Nugume uremuruye ijisho ryawe”!—Mat. 6:22.
Twokora iki kugira ngo turonke imihezagiro iva kuri Yehova (Imig. 10:22)? Ico kibazo kizokwihwezwa mu nsiguro ivuga ngo “Nugume uremuruye ijisho ryawe maze wironkere imihezagiro”. Ibiganiro vyo kubaza ibibazo bizokwerekana ukuntu dushobora kwungukira ku gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe. Insiguro ya mbere izoshikirizwa n’umushitsi, iyizoba ifise umutwe uvuga ngo “Tugume turemuruye ijisho ryacu mw’isi mbi”, izotwereka ibintu bishobora gutuma kworosha ubuzima bitugora maze bukebuke bikatunyoha mu vy’impwemu. Tuzomenya kandi ico bisobanura guhitamwo “umugabane mwiza”.—Luka 10:42.
Abavyeyi be n’abandi bantu bashobora gute kuremesha abakirisu bakiri bato kwitaho ivy’impwemu? Mu nsiguro ivuga ngo “Abavyeyi batumbereza neza imyampi yabo” be no mu yivuga ngo “Urwaruka rwishingira imigambi yo mu vy’impwemu”, abavyeyi be n’urwaruka bazogira ico bavuze kuri ico kibazo gihambaye (Zab. 127:4). Insiguro isozera izoshikirizwa n’umushitsi, izokwihweza ukuntu dushobora kuguma tujana n’ishirahamwe rya Yehova umwe wese ku giti ciwe, uko tugize imiryango hamwe n’uko tugize ishengero.
Twaba ari ho tukimenya ukuri canke tumaze imyaka mirongo dusukurira Yehova, birahambaye ko ‘tugumana ijisho riremuruye’. Ivyo nyene ni vyo porogarama y’umusi w’iteraniro ridasanzwe izodufasha kugira.