Ubusuku bwacu bushika ku biki?
1. Yehova abona gute ubusuku turangura, kandi abantu babwakira gute?
1 Ijambo ry’Imana ridondora abakirisu ko bameze nk’abantu bagenda bigina intsinzi mu murimo wa Yehova, nk’aho bari mu rugendo rw’intsinzi (2 Kor. 2:14-16). Uko tumenyekanisha ubumenyi bwerekeye Imana, ni ko ibimazi dutanga mu busuku turangura bimera nk’umubavu uhimbara Yehova. Abantu bamwebamwe inkuru nziza irabaryohera; abandi na bo ikababihira. Ariko rero, iyo abantu benshi bayakiriye nabi, ntibica bisobanura yuko igikorwa turangura ata co gishikako. Rimbura ivyo ubusuku bwacu bushikako.
2. Ubusuku turangura budufasha kwerekana iki?
2 Burahayagiza Yehova: Shetani aharira avuga yuko abantu bakorera Imana babitumwe n’ubwikunzi (Yobu 1:9-11). Ubusuku bwa gikirisu turangura buraduha akaryo ko kwerekana ko twibanda ku Mana ata buryarya. Abamamaji benshi barabandanya kugamburuka rya tegeko ryo kwamamaza no guhindura abantu abigishwa, naho usanga hari ingorane umwumwe wese yisangije canke ugasanga abantu muri rusangi ntibanerwa inkuru nziza. Urazi ukuntu ukwo kwihangana umuntu adahemuka kunezereza umutima wa Yehova!—Imig. 27:11.
3. Ni kubera iki bihambaye cane ko tubandanya kumenyekanisha izina ry’Imana n’umugambi wayo?
3 Ikindi kandi, ubusuku turangura buragira uruhara mw’iranguka ry’umugambi w’Imana. Ku bijanye n’isangangurwa ry’iyi si ya Shetani ryimirije, Yehova avuga ati: “Amahanga azomenya yuko jewe [“ndi Yehova”, NW]” (Ezk. 39:7). Kugira ngo amahanga amenye ko ari we Yehova, ni ngombwa ko abasavyi biwe babandanya gutangaza izina ryiwe be n’umugambi wiwe ku “mahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose”.—Ivyah. 14:6, 7.
4. Ni mu buryo ki igikorwa c’ukwamamaza gifatirwako mu guca imanza?
4 Burafatirwako mu guca imanza: Kwamamaza inkuru nziza kandi birafatirwako mu guca imanza. Intumwa Paulo yavuze ko Kirisitu Yezu azokwihora “abatāmenye Imana n’[“abatagamburuka”, NW] ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu” (2 Tes. 1:8, 9). Abantu bazocirwa imanza hisunzwe ukuntu bakiriye inkuru nziza. Ese ingene ivyo bituma abasavyi b’Imana bagira ibanga rihambaye! Kugira ngo twirinde kwagirwa n’amaraso, dutegerezwa kubandanya tumenyekanisha ubutumwa bw’Ubwami burokora ubuzima.—Ivyak. 20:26, 27.
5. Ikigongwe c’Imana tucigana gute mu busuku bwacu?
5 Utwigoro twama tugira ngo dufashe ababanyi bacu kugira bemerwe n’Imana turagaragaza ikigongwe ca Yehova (1 Tim. 2:3, 4). Kubera tuzi yuko ubuzima bw’abantu buguma buhindagurika, ni co gituma twama tubagendera tukanabahimiriza kurondera Yehova bigishoboka. Mu kubigenza gutyo, tuba twiganye “imbabazi [“zirimwo ikibabarwe”, NW] [z]’Imana yacu”, iyo na yo ikaba ‘itagomba ko hagira abahona, ariko igomba ko bose bigaya’.—Luka 1:78; 2 Pet. 3:9.
6. Kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo wa Yehova tuvyungukirako gute?
6 Buratwungura: Kuguma dufise vyinshi dukora mu murimo wa Yehova biradukingira. Biradufasha “[“kugumiza hafi mu muzirikanyi”, NW] ukuza kw’umusi w’Imana”, bikanadufasha kwirinda guhumanywa n’uru runkwekwe rubi rw’ibintu (2 Pet. 3:11-14; Tito 2:11, 12). Ku bw’ivyo rero, nimuze ‘dukomere ntitunyiganyige, twame dufise vyinshi dukora mu gikorwa c’Umukama’, tuzi yuko utwigoro tugira mu busuku atari utw’ubusa.—1 Kor. 15:58, NW.