Igitabu ivyo Bibiliya yigisha—Ni igitabu nyamukuru kidufasha kurongora inyigisho za Bibiliya
1 Ese akanyamuneza twagize igihe kw’Ihwaniro ry’intara ryataziriwe ngo “Ukugamburuka gushimwa n’Imana” hatangazwa ko hasohowe igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki?! Umwumwe wese mu baryitavye yaranezerewe no kuronka igitabu ciwe bwite igihe porogarama yo ku musi wa gatandatu yari irangiye. None ico gitabu gishasha co kwigisha kizokoreshwa gute? Ni co gikoresho nyamukuru kigenewe kudufasha kurongora inyigisho za Bibiliya. Naho ico gitabu gishasha kizoshikirizwa ari bwo bwa mbere muri Ntwarante, abamamaji bararemeshejwe guca batangura kugikoresha ubu nyene mu gutanguza no mu kurongora inyigisho za Bibiliya.
2 Inyigisho za Bibiliya dusanzwe turongora: Abamamaji bariko bararongora inyigisho za Bibiliya mu gitabu Ubumenyi canke mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? barakwiye gukoresha ubukerebutsi igihe bafata ingingo ijanye n’ukuntu botangura kurongora inyigisho bakoresheje ico gitabu gishasha be n’igihe boyitangurira. Nimba inyigisho ya Bibiliya itanguye vuba, woca uhera mu ntango y’ico gitabu gishasha. Nimba mugeze kure mu gitabu Ubumenyi, urashobora kubandaniriza iyo nyigisho mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha mu kigabane gihuye n’ico muriko muriga. Nimba naho muri mu kurangiza igitabu Ubumenyi, urashobora gufata ingingo yo kukibandanya mukakirangiza.
3 Nta gukeka, twese turazi ko abantu batari bake bokwungukira ku kwiga igitabu Ivyo Bibiliya yigisha. Ni kubera iki none utorongorera umuntu inyigisho muri ico gitabu gifasha kwiga Bibiliya intambwe ku yindi? Nk’akarorero, hari aho abize agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? canke igitabu Ubumenyi yamara bakaba batateye imbere gushika ku kwiyegura no ku kubatizwa boshima gusubira kwiga Bibiliya hakoreshejwe ico gitabu gishasha. Abavyeyi boshobora guhitamwo gukoresha ico gitabu mu kwinjiza mu bana babo ubumenyi ntagakosa bwerekeye ivyo Imana igomba.—Kol. 1:9, 10.
4 Kwiga igitabu kigira kabiri: Hoba hariho intunganyo y’uko umutohoji wa Bibiliya yiga igitabu kigira kabiri amaze kurangiza igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? Egome iriho. Mu gihe bigaragara ko umutohoji wa Bibiliya ariko aratera imbere, naho yoba atera imbere buhorobuhoro, kandi akaba ariko arushiriza gukenguruka ivyo ariko ariga, iyo nyigisho ya Bibiliya yobandaniriza mu gitabu Senga Imana Yonyene y’Ukuri. Turizigira tudakeka ko ico gitabu Ivyo Bibiliya yigisha kizoba igikoresho gikomeye tuzoba dufise mu kurangura igikorwa twashinzwe co guhindura abantu abigishwa.—Mat. 28:19, 20.