ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/06 rup. 8
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2001
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2006
km 10/06 rup. 8

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Nyak.

“Abantu benshi muri iki gihe ntibagishimishwa n’idini. Woba wibaza ko kuba umuntu akunda ivy’ugusenga bimufasha kumera neza kuruta? [Rindira yishure.] Raba ivyo Bibiliya yari yaravuze ko abantu bamwebamwe borondeye mu madini mu misi y’iherezo. [Soma 2 Timoteyo 4:3, 4.] Iki kinyamakuru kirasigura ingene ugusenga kw’ukuri gutera iteka Imana kukongera kukatugirira akamaro”.

Réveillez-vous! Nyak.

“Abantu benshi baribaza nimba kwemera Imana bihuye na siyansi. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma mu Baheburayo 3:4.] Iyi nomero idasanzwe ya Réveillez-vous! iraca irya n’ino ibimenyamenya vyatumye abahinga mu vya siyansi bamwebamwe bemera yuko hariho Umuremyi”.

Umunara w’Inderetsi 15 Nyak.

Nuvuge ikintu kanaka cavuzwe mu makuru kiraje ishinga abantu bo muri ako karere, uce ubaza uti: “Woba wiyumvira ko uyu murongo wo muri Bibiliya udondora ata kwihenda ibihe tubayemwo? [Soma 2 Timoteyo 3:1, hanyuma uce urindira yishure.] Iki kiganiro kiravuga ibimenyamenya vyerekana ko tubayeho mu misi y’iherezo kikongera kikerekana ico dukwiye gukora”.

Réveillez-vous! Nyak.

“Abantu benshi biyumvira ko twaremwe. Abandi na bo biyumvira ko twabayeho biciye kw’ihindagurika. Hari iciyumviro woba ubifiseko? [Rindira yishure.] Ehe raba inama tugirwa yodufasha gushika ku ciyumviro c’ukuri. [Soma Yobu 12:7, 8.] Iyi nomero idasanzwe ya Réveillez-vous! iravuga ivyo dushobora kwigira ku bukerebutsi bugaragarira mu bidukikije no ku kuntu biremwe”.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika