Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nyak.
“Benshi bibaza ko icitwa ngo ni Isezerano rya kera kirimwo amakuru ngirakamaro ajanye na kahise. Ariko baribaza nimba ubuyobozi buri muri co bwoba buhambaye muri iki gihe. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure, uce usoma Abaroma 15:4.] Iki kinyamakuru kirerekana ingene icitwa ngo ni Isezerano rya kera gitanga impanuro zikenewe mu buzima bwa misi yose kikongera kigatanga icizigiro nyakuri ca kazoza”.
Réveillez-vous! Nyak.
“Woba wibaza ko Imana ari yo ituma haba ivyago vy’ivyaduka? [Rindira yishure, uce usoma mu Gusubira mu vyagezwe 32:4.] Iki kinyamakuru kiraca irya n’ino igituma Imana ireka hakaba ivyago vy’ivyaduka. Kirerekana kandi muri rusangi ukuntu wokingira umuryango wawe”.
Umunara Ubwami 15 Nyak.
“Noshima kumenya ico wiyumvira kuri aya majambo ari muri iki canditswe. [Soma Gusubira mu vyagezwe 32:4.] Woba umaze kwibaza uti: ‘Asangwa Imana ari inyabushobozi kandi ikaba itunganye, ni kubera iki ingorane be n’ubukozi bw’ikibi vyabaye ndanse mw’isi’? [Rindira yishure.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma Imana yaretse ubukozi bw’ikibi bukabandanya kubaho gushika n’ubu”.
Réveillez-vous! Nyak.
“Nka twese turipfuza kugira amagara meza no kuramba. Woba wibaza ko kuguma tubona ko ibintu bizogenda neza bishobora gutuma amagara yacu arushiriza kumera neza? [Rindira yishure, uce usoma mu Migani 17:22.] Iki kinyamakuru kirasigura igituma bibereye gutsimbataza agatima ko kubona ko ibintu bizogenda neza”. Mwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 26.