Ico Twovuga ku Vyerekeye Ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 15 Git.
“Wosigurira gute abana canke abandi bantu igituma muri iki gihe haba ibibi vyinshi cane? [Nurindire inyishu.] Bibiliya irishura ikibazo kibaza giti: ‘Ni Nde Yokwagirizwa Ibibi Vyose?’ [Soma 1 Yohana 5:19.] Iyi nomero y’Umunara w’Inderetsi izogufasha gutahura uwo mubisha uwo ari we be n’ingene dushobora kumurwanya.”
Réveillez-vous! 22 Git.
“Woba wibaza yuko ibisabisho indongozi z’amadini zitura bishobora gutuma isi igira amahoro? [Nurindire inyishu.] Bibiliya iratanga umuhango w’uko hazogera igihe hakaba amahoro kw’isi yose. [Soma Yesaya 9:6, 7.] Woba wabonye yuko hari umutware adasanzwe azozana amahoro kw’isi? Iyi nomero ya Réveillez-vous! irerekana uwo mutware uwo ari we n’ingene azozana amahoro nyakuri.”
Umunara w’Inderetsi 1 Muny.
“Abatari bake muri twebwe baragerageza kugiranira n’abandi ubucuti burangwa amahoro. Mugabo uremera udakeka yuko akenshi usanga kubivuga vyoroshe kuruta kubikora. [Nurindire inyishu.] Bibiliya irasigura igituma ivyo ari ukwo bimeze. [Soma Yakobo 3:2.] Iki kiganiro kirerekana ingene gusaba imbabazi bishobora kuba urupfunguzo rwo kugarura amahoro no kuyazigama.”
Réveillez-vous! 8 Muny.
“Ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekana yuko hariko haregereza igihe ata wuzovuga ngo “Ndarwaye.” [Soma Yesaya 33:24.] None ivyo ntibizoba ari akaroruhore? [Nurindire inyishu.] Ariko rero, umuryango w’abantu muri iki gihe urasinzikajwe n’ibiza, harimwo na ca kiza ruhonyanganda SIDA. Iyi nomero ya Réveillez-vous! irishura ikibazo kigira kiti: SIDA yoba izokwigera itsindwa?”