Isekeza ryo kwamamaza rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kugirwa kw’isi
Haraheze imyaka irenga 100 Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza (1 Kor. 9:23). Muri iryo sekeza ryo kwamamaza rihambaye kuruta ayandi yose yigeze kugirwa mw’isi, turavuga ubutumwa mu ndimi amajana. Ubwo butumwa tubuvuga mu bihugu birenga 230 (Mat. 24:14). Ni kubera iki none ico gikorwa gikenewe? Kandi kiriko kirangurwa gute kw’isi yose?
Ya videwo ivuga ngo Ivyabona vya Yehova bagizwe ishirahamwe ngo bamamaze inkuru nziza (mu congereza) irishura ivyo bibazo mu kwerekana amakuru y’ido n’ido ajanye n’imice myinshi y’ibikorwa turangurira kw’isi yose. Igihe uyiraba, nurimbure ibibazo bikurikira: (1) Igikorwa cacu gitunganijwe gute, kandi kiyoborwa gute? (2) Urwego nshingwayandika, Urwego ruraba ivy’ubuhinduzi, Urwego rujejwe ivyo gushushanya be n’urujejwe ivy’amakaseti n’amavidewo, zigira ico ziterereye gute mu kwamamaza inkuru nziza? (3) Ibikorwa dukora vyo gucapura ibitabu vyinshi cane no kubirungika bifise intumbero iyihe? (Yoh. 17:3) (4) Ni ibitabu bingana iki bicapurwa mu mwaka umwe? (5) Ibisohokayandikiro vyacu bishingiye kuri Bibiliya vyashitse ku ki? (Heb. 4:12) (6) Ni igiki kiriko kirakorwa kugira ngo impumyi canke abatumva bafashwe mu buryo bw’impwemu? (7) Igikorwa cacu gishigikirwa gute mu vy’amahera? (8) Twungukira gute ku gikorwa kirangurwa n’Inzego zitanga amakuru y’ivy’ubuvuzi, ikirangurwa n’Urwego rujejwe umurimo be n’ikirangurwa n’Urwego ruraba ivy’ihwaniro? (9) Ko uri Icabona ca Yehova, ni gute iyo videwo yatumye urushiriza gukenguruka no gutahura ibijanye (a) n’akigoro ishirahamwe rya Yehova ririko riragira kugira ryamamaze inkuru nziza? (b) n’imiryango ya Beteli irenga 100 iri hirya no hino kw’isi? (c) n’inyigisho zimenyereza abacungezi n’abamisiyonari? (d) n’akamaro ko gutangura umusi umwumwe wose mu kwihweza icanditswe co muri Bibiliya be n’ako kwitegura buri ndwi ku bw’amakoraniro y’ishengero? (e) n’ivyiza biri mu kwitaba imitororokano ya gikirisu? (f) n’ico Iparadizo yo kw’isi izoba isobanura? (Yes. 11:9) (g) no kuba wewe ubwawe ugira uruhara mu gikorwa c’iyimbura kiriko kirarangurwa?—Yoh. 4:35.
Ni ikintu ciza ikihe wiboneye igihe wereka iyo videwo incuti zawe, abo muzinanyi, abo usubira kuraba be n’inyigisho za Bibiliya? Ubona gute weretse iyo videwo uwundi muntu ukongera ukamubwira inkuru nziza vuba bishoboka?—Mat. 28:19, 20.