ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/08 rup. 1
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ivyo bijanye
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2004
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2008
km 2/08 rup. 1

Ivyibukijwe ku vyerekeye Icibutso

Abakurambere bakwiye kwitwararika ibi bintu bikurikira mu kwitegurira Icibutso:

◼ Murarabe neza ibimenyetso ntibizotemberezwe imbere y’uko izuba rirenga.

◼ Umukate be n’umuvinyu bibereye bikwiye kuba vyabonetse kandi vyateguwe.—Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhuhuma 2003, rup. 14-15 be n’ikete ryo ku wa 23 Kigarama 2003.

◼ Amasahani, ibirahuri, imeza be n’igitambara c’imeza bibereye, bikwiye kuba vyazanywe ku ngoro bigashirwa mu kibanza cavyo hakiri kare.

◼ Ingoro y’Ubwami canke ikindi kibanza kiberamwo iryo koraniro bikwiye kuba vyasukuwe bimwe binogangije imbere y’igihe.

◼ Abakira abantu n’abatembereza ibimenyetso bakwiye gucagurwa kandi bagasigurirwa hakiri kare ivyerekeye ibikorwa bashinzwe, uburyo bubereye bw’ukubirangura be n’ivy’uko bakeneye kwambara no kwitunganya mu buryo buranga urupfasoni.

◼ Hakwiye kugira ibiringanizwa kugira ngo nimba hari abo mu basizwe bafise ingorane z’amagara badashobora kuhashika, mubashire ibimenyetso.

◼ Igihe hari amashengero menshi azosangira Ingoro y’Ubwami imwe, ibintu bikwiye kuyoborwa neza hagati y’ayo mashengero kugira ngo birinde umurundano udakenewe mu rwinjiriro, mu mabarabara yegereye Ingoro be n’ahahagarikwa imiduga.

◼ Nimba hazokoreshwa ikindi kibanza ku bw’iryo koraniro, nimurabe neza ko hazoba hariho ivyuma biduza neza amajwi kugira ngo abazoba bahari bashobore kwumva umushikirizansiguro.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika