Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryimirije
Ni mu buhe buryo vyoshoboka ko duhagarara dushikamye tukananira abarwanya ugusenga kw’ukuri bivuye inyuma? Ni gute dushobora gutsinda inguvu ziguma zigerageza kudukwega ngo dusubire mw’isi itubaha Imana? Porogarama y’Iteraniro ry’umuzunguruko ryo mu mwaka w’umurimo wa 2009 izokwishura ivyo bibazo bihambaye. Umutwe shimikiro waryo ugira uti: “Ugume utsindisha ikibi iciza.” (Rom. 12:21) Rimbura ivyo ritubikiye.
Umucungezi w’intara azoshikiriza insiguro zivuga ngo “Barakomejwe ngo batsindishe ikibi iciza,” “Uragabe ku kwiyizigira birenze!,” “Ububi bwose bugiye gukurwaho!” hamwe n’iyivuga ngo “Dukomeze ukwizera kwacu kugira ngo tuneshe isi.” Umucungezi w’umuzunguruko azodushikiriza insiguro ivuga ngo “Ubu ni co gihe co kuguma turi maso!,” ishingiye ku Baroma 13:11-13, hamwe n’iyivuga ngo “Ntudendebukirwe mu gihe c’amagorwa,” ishingiye mu Migani 24:10. Turarindiranye igishika kandi insiguro y’umucungezi w’umuzunguruko ifise umutwe uvuga ngo “Twihweze ibikenewe mu muzunguruko wacu.” Ikindi kintu kizoturemesha cane ni insiguro izoba ivuga ngo “Woba ushobora kwijukira ubwo busuku, mu gukora ubutsimvyi?” Iya mbere mu nsiguro zibiri z’ibice binebine ifise umutwe uvuga ngo “Muhagarare mushikamye mu kurwanya ibikorwa vy’uruyeri vya wa Mubesheranyi.” Izodufasha kumenya no kwamirira kure amayeri wa mubesheranyi akoresha abicishije ku bintu vyerekeye ubuhinga bwa none, ukwinezereza be n’ivyo kwiga amashure. Insiguro y’ibice bine ivuga ngo “Niwironse inkomezi kugira ngo ushobore kunana kuri wa musi mubi” izotwereka ukuntu twoshira mu ngiro bimwe birushirije kuba ibishitse impanuro yahumetswe dusanga mu Banyefeso 6:10-18.
Hariho isano rirashe hagati yo kwamamaza ubutumwa bw’Ubwami no gutsinda ikibi duhereye ku nkomoko yaco. (Ivyah. 12:17) Ntibitangaje kubona Shetani adatezura mu gutera Ivyabona vya Yehova! (Yes. 43:10, 12) Mugabo wa Mubesheranyi azonanirwa bimwe vy’akamaramaza kubera ko twiyemeje ‘kuguma tuneshesha ikibi iciza.’ Nuringanize rero ibintu mu buryo butomoye kugira ngo uzokwungukire bimwe bishitse ku biringo vyose vy’iri Teraniro ry’umuzunguruko uko ari bine.