ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 1/09 rup. 1
  • Bazokwumva gute?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bazokwumva gute?
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Igituma tuza turasubirayo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Twamamaze tudatezura
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • “Ugume uri maso ku busuku wemeye mu Mukama”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
  • ‘Barazana inkuru nziza z’ivyiza’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 1/09 rup. 1

Bazokwumva gute?

1. Ni kubera iki igikorwa co kwamamaza coshobora kuba urugamba, kandi ni kubera iki twumira kw’ibanga?

1 Kubera yuko umusi wa Yehova uriko wegereza wihuta, birihutirwa ko dufasha abandi bantu benshi kuronka ubumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana be n’umugambi ifitiye abantu. (Yoh. 17:3; 2 Pet. 3:9, 10) Rimwe na rimwe, ivyo vyoshobora kuba urugamba kubera yuko hari benshi batabinegwa canke bakaba boshobora kudutyekeza kubera igikorwa co kwamamaza turangura. (2 Pet. 3:3, 4) Ariko rero, turi n’imvo zumvikana zo kwizigira yuko mu cibare cacu hakiriho abazokwemera inkuru nziza bishitse bakayumva. None mwene abo bantu bazokwumva gute atawamamaza?—⁠Rom. 10:14, 15.

2. Akarorero k’intumwa Paulo katuremesha gute?

2 Igihe baturwanya: Kubera yuko hari abafise umutima ukunze wo kwumviriza ubutumwa bw’Ubwami, ntidukwiye gucika intege. Igisagara ca Filipi ni co cabaye ica mbere i Buraya mu kwumva intumwa Paulo yamamaza inkuru nziza. Igihe we na Silasi bagirizwa ibinyoma, bompi barakubiswe inkoni nyinshi bongera baratabwa mw’ibohero. (Ibik. 16:16-24) Yamara rero, ico kintu kibabaje cabashikiye nticatumye Paulo asha coba ngo areke kwamamaza. Igihe yagendera igisagara ca Tesalonika, kikaba ari co yaciye agendera muri urwo rugendo rwiwe rw’ubumisiyonari, ‘yaragize ubutinyutsi biciye ku Mana.’ (1 Tes. 2:2) None akarorero ka Paulo ntigashira ahabona imvo ituma ‘tudaheba’?—⁠Gal. 6:9.

3. Ni ibiki vyoshobora gutuma abantu bamwebamwe bahindura agatima n’igihe nyene boba bahoze badashimishwa?

3 Abantu benshi bamaze imyaka n’iyindi banka kwumviriza inkuru nziza, vyarashitse barahindura agatima bari bafise. Ingorane zishika mu vy’ubutunzi, indwara, ukubura umuntu wo mu muryango, canke amakuru yerekeye imivurungano iba mw’isi vyoshobora gutuma haba mwene iryo hinduka. (1 Kor. 7:31) Bamwebamwe bahoze barwanywa n’abavyeyi barakuze maze bakaba bashima kwumviriza. Igihe tubandanije kwamamaza biratuma abantu mwene abo baronka akaryo ko ‘kwambaza izina rya Yehova’ amazi atararenga inkombe.—⁠Rom. 10:13.

4. Ni ibiki bituvyurira umutima wo kubandanya kurangura ubusuku ‘tudatezura’?

4 ‘Tudatezura’: Urukundo dukunda Imana be na bagenzi bacu ruzotuvyurira umutima wo kubandanya ‘tudatezura’ mu gikorwa c’ukwamamaza n’uguhindura abantu abigishwa, nk’uko nyene intumwa zabigize mu kinjana ca mbere. (Ibik. 5:42) Muri iki gihe, abenshi bariko “banihishwa n’ibizira vyose” biriko biraba “bikabariza.” (Ezk. 9:4) Mbega icizigiro be n’ukuruhurirwa mwene abo bantu baronka igihe baba bumvise inkuru nziza! N’igihe nyene abantu benshi banka kwumviriza, Ivyanditswe biradusubiriza umutima mu nda yuko Yehova ahimbarwa n’utwigoro tugira.—Heb. 13:15, 16.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika