ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 2/09 rup. 2
  • ‘Dukore vyose ku bw’inkuru nziza’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Dukore vyose ku bw’inkuru nziza’
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Woba witeguriye guhuza n’uko ibintu vyifashe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Woba ushobora guhindura urutonde rwawe?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
  • Dushikire abantu benshi bashoboka
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
  • Woba witeguriye kuba umurovyi w’abantu?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2020
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 2/09 rup. 2

‘Dukore vyose ku bw’inkuru nziza’

1. Ni igiki umwamamaji w’Ubwami yipfuza kugirira abandi, kandi kubera iki?

1 Intumwa Paulo yarumva ategerezwa kubwira abandi inkuru nziza. (1 Kor. 9:16, 19, 23) Muri ubwo buryo nyene, ukuba turazwa ishinga n’uko abantu bomererwa neza ibihe bidahera, biratuvyurira umutima wo kwita ku rutare kugira ngo tubabwire inkuru nziza.

2. Igihe twamamaza, ni ibiki twoshima guhindura, kandi kubera iki?

2 Niwamamaze mu kibanza ushobora gusangamwo abantu be n’igihe ushobora kubasangaho: Umurovyi mwiza ntaterera urusenga rwiwe mu kibanza be n’igihe bimworohereza, ariko aruterera mu kibanza be n’igihe biba bishoboka rwose kuruta ko afata ifi. Na twebwe nyene, bwa “barovyi b’abantu,” twoshobora gukenera kugira ivyo duhinduye ku rutonde rwacu kugira ngo dusange abantu ari ho bari mu cibare cacu, gutyo tukarushiriza kwinovora bimwe vyuzuye agateka ko kwegeranya “ifi z’ubwoko bwose.” (Mat. 4:19; 13:47) Twoba dushobora gukoresha amasaha yo ku mugoroba abantu bavuye ku bikorwa kugira ngo dushobore kubasanga ku mihana yabo, canke tugakoresha amasaha yo mu gitondo ibikorwa bitaratangura kugira ngo dushinge intahe ku mabarabara? Intumbero ya Paulo kwari “ugushingira intahe inogangije inkuru nziza,” kandi ntiyagishije akaryo ko kubigira.—⁠Ibik. 17:17; 20:20, 24.

3, 4. Igihe turi mu busuku, ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora guhuza n’uko ibintu biba vyifashe, kandi bivamwo iki?

3 Nuhindure uburyo ushikiriza inkuru nziza wisunze ibikenewe: Akenshi abarovyi barahindura uburyo bakoresha kugira ngo bafate ubwoko bunaka bw’ifi. Ni gute dushobora gushikiriza inkuru nziza y’Ubwami mu buryo bukwegera abantu bo mu cibare cacu? Dutegerezwa gukoresha ubugenge mu gutanguza ikiyago cerekeye ikintu kiraje ishinga abantu muri rusangi, maze tugatega ugutwi twitonze ukuntu baserura akari ku mutima ku bijanye n’ico kibazo. (Yak. 1:19) Twoshobora kubabaza ikibazo gituma baserura iryo bagona kugira ngo tubinjize mu kiyago. (Imig. 20:5) Muri ubwo buryo, tuzoshobora guhindura ukuntu dushikiriza inkuru nziza mu buryo bugira ico bukoze ku buzima bw’umuntu wese ukwiwe. Paulo yaracitse “vyose ku bantu b’uburyo bwose.” (1 Kor. 9:22) Uguhuza n’uko ibintu biba vyifashe ni nkenerwa kugira ngo dushobore gukora abantu ku mutima.

4 Mbega ukuntu ari umunezero kubwira abantu “inkuru nziza z’ivyiza”! (Yes. 52:⁠7) Ese “[twokora] vyose ku bw’inkuru nziza” kugira ngo dushikire abantu benshi bashoboka.—⁠1 Kor. 9:23.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika