Woba ushobora guhindura urutonde rwawe?
1. Ni kubera iki dukwiye guhindura urutonde rwacu ku bijanye no kwamamaza?
1 Kubera ko turi bakirisu b’ukuri, twaremeye ubutumire twahawe bwo kuba “abaroba abantu” (Mat. 4:19). Nka kurya kw’umurovyi aroba amafi, dushobora kuzoronka ivyiza birushirije mu gikorwa co kuroba abantu mu gihe twotegekanya umwanya wo kwamamaza igihe abantu bashobora kuboneka. Ku muhingamo canke ku mugoroba, abantu benshi usanga bari i muhira. Akenshi usanga bibereye aho, ata n’ico bariko barakora gutyo bakaba borushiriza kwakira ababagendeye. Woba ushobora guhindura urutonde rwawe kugira wamamaze muri ivyo bihe?—1 Kor. 9:23.
2. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora gushikira abantu benshi kuruta tubashiriye inkuru nziza?
2 Gushinga intahe ku mugoroba: Gutegekanya imbere y’igihe kwamamaza mu masaha yo ku mugoroba vyoshobora gutuma tubwira inkuru nziza abantu benshi kuruta (Imig. 21:5). Hari aho abakiri bato boba bashoboye kwamamaza bavuye kw’ishure. Abandi na bo hari aho boba bashoboye kwamamaza inyuma y’akazi. Imigwi y’inyigisho y’igitabu imwimwe yoshobora gutunganya ivyo kuza iramamaza mu kiringo c’isaha imwe imbere yuko batangura inyigisho y’igitabu bagira ku ndwi ku ndwi.
3. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe ushobora kwamamaza mu masaha yo ku muhingamo no ku mugoroba mu cibare canyu?
3 Kwamamaza inzu ku nzu mu masaha yo ku muhingamo canke ku mugoroba, vyoshobora gutuma tuganira n’abantu badakunda kuba bari i muhira. Mu vyibare vyinshi, gushinga intahe mu mabarabara canke mu mayira, kibure ubundi buryo bwo gushinga intahe ku mugaragaro, birashobora na vyo nyene kugirwa ku mugoroba. Kandi benshi basanga imigoroba ari co gihe ciza kuruta ibindi co gusubira kugendera abo bayaze no gutanguza inyigisho za Bibiliya.
4. Ni kubera iki bihambaye kugira ubukerebutsi no kuba abantu bitaho abandi igihe dushinga intahe ku mugoroba?
4 Ubukerebutsi burakenewe: Umuntu arakeneye kuraba ikibereye igihe agira uruhara mu bijanye no gushinga intahe ku mugoroba. Kenshi na kenshi usanga ari vyiza cane guhagarika igikorwa co gushinga intahe butarira cane, aho kugendera abantu igihe boba bariko baritegurira kuja kuruhuka (Flp. 4:5). Igihe udodoye ku rugi, nuhagarare aho bashobora kukubona maze uce widondora utomora. Ntutebagane kuvuga ikikugenza. Niba udodoye mu gihe kitabereye, nk’igihe umuryango uriko urafungura, nubasabe ko wogaruka ikindi gihe. Niwame nantaryo witaho abandi.—Mat. 7:12.
5. Dushobora gute kwirinda ibintu vyohava bidushira mu kaga turiko turamamaza?
5 Turakeneye no kuba tuzi ibintu vyohava bidushira mu kaga. Niba uriko urashinga intahe igihe buriko burahwibira canke igihe bumaze kwira, ni vyiza kugenda muri babiribabiri canke muri umugwi. Nimugume mu mabarabara ariko umuco ukwiye, ahari abantu. Nimushinge intahe ahantu gusa mwumva ko mutekaniwe. Nimwirinde ahantu hakunda kumera nabi bumaze kwira.—Imig. 22:3.
6. Ni ibindi vyiza ibihe vyoshobora kuva mu gushinga intahe ku muhingamo no ku mugoroba?
6 Gushinga intahe ku muhingamo no ku mugoroba vyoshobora kuduha akaryo ko gukorana mu busuku n’abatsimvyi bafasha canke basanzwe (Rom. 1:12). Woba ushobora guhindura urutonde rwawe kugira ngo ugire uruhara muri uwo muce w’umurimo?