Woba wogira uruhara mu kwamamaza ku mugoroba?
1. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, intumwa Paulo yamamaza inzu ku nzu ryari?
1 Nk’uko igitabu Ubuzima bwa misi yose mu bihe vya Bibiliya (mu congereza) kibivuga, mu bisanzwe intumwa Paulo yaramamaza inzu ku nzu “kuva isaha cumi zo ku muhingamo gushika mw’ijoro.” Ntituzi nimba urwo ari rwo rutonde ntabanduka Paulo yakurikiza, ariko turazi ko Paulo yari afise umutima ukunze wo “[gu]kora vyose ku bw’inkuru nziza.” (1 Kor. 9:19-23) Ivyo bishobora kuba vyarimwo gutunganya ivyiwe kugira aje kwamamaza inzu ku nzu ku gihe yaba ashobora kuronka abantu benshi aganiriza.
2. Kubera iki ku migoroba ari igihe ciza co kugira uruhara mu busuku?
2 Abamamaji bo mu mihingo myinshi bamenyereye kwamamaza inzu ku nzu mu gitondo, hagati mu ndwi. Ariko none, mu karere iwanyu ico coba kikiri igihe ciza? Umutsimvyi umwe yigana ibi ku bijanye n’icibare ciwe: “Ku murango biragoye ko usanga abantu i muhira. Ariko ku mugoroba abantu nka bose usanga bari i muhira.” Kwamamaza ku mugoroba vyoshobora kuturonsa akaryo keza ko kubwira inkuru nziza canecane abagabo. Abantu usanga batekanye kandi bemera kuyaga. Nimba vyoba ngirakamaro, abakurambere botunganya amakoraniro yo gusohoka mu ndimiro ku mugoroba.
3. Dushobora gute kugaragaza ubukerebutsi igihe twamamaza ku mugoroba?
3 Nukoreshe ubukerebutsi: Igihe twamamaza ku mugoroba, birahambaye ko dukoresha ubukerebutsi. Nk’akarorero, bishitse ukagendera umuntu ku gihe kitabereye, nk’igihe aba ariko arafungura, vyoba vyiza umubwiye ko uza kugaruka hanyuma. Nimba bumaze guhwibira, nuhagarare aho uwo ugendeye ashobora kukubona, kandi uce ubwo nyene widondora uvuge n’ikikugenza. Biraranga kandi ubukerebutsi gukora muri babiribabiri canke muri umugwi kibure mugakorera ku mabarabara ariko amatara, ahari abantu. Ntimugendere abantu bwije cane kugira ntimubagore bagira baje kuryama. (2 Kor. 6:3) Nimba mu karere iwanyu hataba hameze neza bumaze guhwibira, mwokwamamaza hakiri kare ku mugoroba.—Imig. 22:3.
4. Ni imihezagiro iyihe iva mu kwamamaza ku mugoroba?
4 Imihezagiro: Ubusuku buraryoha cane igihe turonse abantu tubwira inkuru nziza. Kandi uko turushiriza kuronka abantu tubwira inkuru nziza, ni ko turushiriza kuronka uturyo two gufasha abandi kugira ‘bakizwe bashike ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.’ (1 Tim. 2:3, 4) Woba woshobora kugira ivyo uhinduye ku rutonde rwawe kugira ngo ugire uruhara mu kwamamaza ku mugoroba?