Dushinge intahe inzu ku nzu
1. Ni ikibazo ikihe kivyuka ku bijanye no kwamamaza inzu ku nzu, kandi kubera iki?
1 “Abamenyereye cane uburyo butandukanye bwo gukwiragiza Ukuri ntibobura kwemeza yuko isekeza ryo kwamamaza inzu ku nzu hakoreshejwe igitabu L’AURORE DU MILLÉNIUM, muri iki gihe ari bwo buryo ngirakamaro kuruta ubundi bwose bwo kwamamaza Ukuri”. Ayo majambo yo mu Mumara w’Inderetsi w’i Siyoni (mu congereza) wo ku wa 1 Mukakaro 1893, yarashize ahabona agaciro ko kwamamaza ku nzu ku nzu. Abantu bo kw’isi yose basigaye bazi ko ico gikorwa kiranga Ivyabona vya Yehova. None ubwo buryo bwo kwamamaza bwoba bugifise akamaro, narirya mu mihingo imwimwe gusanga abantu ku mihana bigenda birushiriza kugora?
2. Ni igiki cerekana ko gushinga intahe inzu ku nzu bishingiye ku Vyanditswe?
2 Ni igikorwa gishingiye ku Vyanditswe kandi gihambaye: Gushinga intahe inzu ku nzu bishingiye ku Vyanditswe. Yezu yategetse abigishwa 70 kugenda ari babiribabiri mu mihana y’abantu (Luka 10:5-7). Haciye igihe gitoya Yezu apfuye, Bibiliya ivuga ku vyerekeye abigishwa biwe iti: “Imisi yose mu rusengero no mu mihana ntibahorereza kwigisha no kuvuga ubutumwa” (Ivyak. 5:42). Intumwa Paulo na we nyene yarigishije inzu ku nzu abigiranye umwete.—Ivyak. 20:20.
3. Ni akamaro akahe ko gushinga intahe inzu ku nzu?
3 Gushinga intahe inzu ku nzu buracari uburyo buhambaye bwo gukwiragiza inkuru nziza muri iki gihe. Bituma dushobora ‘kurondera’ ababereye mu buryo butunganijwe neza kandi buri ku rutonde (Mat. 10:11, NW). Kenshi na kenshi abantu ukunze gusanga batekaniwe iyo bari i muhira. Kuganira na bo amaso mu yandi, ni ukuvuga kwumva amajwi yabo, kubona ukuntu bameze mu maso be no kwihweza ibibakikije, biratuma tumenya ivyo bakunda be n’ibibaraje ishinga. Akenshi biraturonsa akaryo karushirije kuba keza ko kuyaga n’umuntu umwanya muremure.
4. Twoshobora gute gutuma gushinga intahe inzu ku nzu birushiriza kwimbuka?
4 Nugire ivyo uhinduye ubwawe: Intumwa Paulo yari yiteguriye kugira ivyo ahinduye “kubg’ubutumwa bgiza” (1 Kor. 9:23). Kumbure turashobora guhindura urutonde rwacu kugira twamamaze igihe abantu benshi boshobora kuba bari muhira, nko ku mugoroba, mu mpera z’umushamvu canke mu gihe c’imisi mikuru. Niwandike imihana utasanzeko abantu, hanyuma ugerageze gusubirayo uwundi musi canke iyindi saha.
5. Twokora iki kugira ngo n’abafise amagara make bashobore kugira uruhara mu gikorwa c’inzu ku nzu?
5 Mbere n’abafise amagara make boshobora kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu. Kumbure twoshobora kuraba ukuntu twojana na mwene abo bantu ku nzu vyoroshe gushikira, bigatuma twamamariza aho biborohera gukorera. Umuvukanyikazi umwe yari afise ingorane yo guhema yashobora kwamamaza ku nzu imwe gusa uko haciye igice c’isaha. Ariko rero, urazi ukuntu yumvise anezerewe akongera akumva ashize akanyota inyuma y’aho amariye gushirwa mu mugwi akajana n’abandi!
6. Ni kubera iki igikorwa co gushinga intahe inzu ku nzu gikwiye kuba umuce udahorereza w’ubusuku bwacu?
6 Mu gikorwa co kwamamaza inzu ku nzu, abamamaji barabandanya kuronka abantu benshi bameze nk’intama. Umwamamaji umwe yaradodoye ku rugi hanyuma abwirwa ati: “Niwinjire. Ndazi uwo uri we. Nariko ndasenga Imana ngo indungikire umuntu amfasha, maze nza numva umuntu adodoye ku rugi. Yanyumviye maze irakundungikira”. Ibiva muri ico gikorwa co kwamamaza birerekana ko Yehova ariko arahezagira ubwo buryo bwo kwamamaza (Mat. 11:19). Gushinga intahe inzu ku nzu, niwame ubigira umuce w’ubusuku bwawe.