Urutonde rwo ku ndwi itangura ku wa 15 Gitugutu
INDWI ITANGURA KU WA 15 GITUGUTU
Ururirimbo rwa 101 n’isengesho
□ Inyigisho ya Bibiliya y’ishengero:
bt ikig. 28 ing. 1-7 (Imin. 30)
□ Ishure ry’ubusuku bwa gitewokarasi:
Igisomwa ca Bibiliya: Daniyeli 10-12 (Imin. 10)
No. 1: Daniyeli 11:15-27 (Imin. 4 canke idashika)
No. 2: Igituma abakirisu batarondera kwihora—Rom. 12:18-21 (Imin. 5)
No. 3: Kuvuga mu ndimi coba ari ikimenyamenya ntakekeranywa c’uko umuntu atoneshwa n’Imana?—td 31D (Imin. 5)
□ Ikoraniro ry’umurimo:
Imin. 10: Hagize uwuvuga ati: ‘Nta vyo nshaka.’ Ikiganiro c’uguhana ijambo n’abumviriza gishingiye ku gatabu Uburyo bwo Gutanguza no Kubandanya Ibiyago Bishingiye Kuri Bibiliya, kuva ku rupapuro rwa 8 ingingo ya 1 gushika ku rupapuro rwa 10 ingingo ya 1. Nimurimbure zimwezimwe mu nyishu zatanzwe be n’izindi nyishu zose mwatanze zikagira akamaro mu cibare canyu. Nimugire imyerekano ibiri mwisunze uburyo bwo kwishura bwatanzwe.
Imin. 20: “Nukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza mu gukwiragiza ubutumwa bwiza.” Ibibazo n’inyishu. Igihe mwihweza ingingo ya 5, nimurabe mu ncamake udupapuro tw’inkuru nziza tuzoshikirizwa muri Munyonyo maze mugire umwerekano w’ukuntu twoshikirizwa. Igihe mwihweza ingingo ya 7, nimugire umwerekano w’ukuntu mwokoresha udupapuro tw’inkuru nziza mu kwamamaza akaryo kizanye.
Ururirimbo rwa 97 n’isengesho