Nukoreshe udupapuro tw’inkuru nziza mu gukwiragiza ubutumwa bwiza
1. Udupapuro tw’inkuru nziza twakoreshejwe gute n’abasavyi b’Imana?
1 Udupapuro tw’inkuru nziza dushingiye kuri Bibiliya turamaze igihe kitari gito dukoreshwa n’abasavyi ba Yehova mu gukwiragiza ubutumwa bwiza. Mu 1880, C. T. Russell be n’abo bakorana baratanguye gusohora udupapuro tw’inkuru nziza twitwa Bible Students’ Tracts (Udupapuro tw’inkuru nziza tw’Abatohoji ba Bibiliya), kandi utwo dupapuro twarahabwa abasomyi b’Umunara w’Inderetsi kugira ngo badushikirize abantu. Udupapuro tw’inkuru nziza twarahabwa agaciro ku buryo bw’uko mu 1884 igihe C. T. Russell yandikisha urwego rwemewe n’amategeko rudaharanira inyungu, rufise intumbero yo guteza imbere ivy’Ubwami, ijambo ry’icongereza (tract) rihindurwa ngo “agapapuro k’inkuru nziza” ryashizwe mw’izina ry’urwo rwego, ari ryo Zion’s Watch Tower Tract Society, ubu urwo rwego rukaba rwitwa Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania. Gushika mu 1918, Abatohoji ba Bibiliya bari bamaze gutanga udupapuro tw’inkuru nziza turenga imiliyoni 300. Udupapuro tw’inkuru nziza turacari igikoresho ngirakamaro mu kwamamaza.
2. Ni kubera iki udupapuro tw’inkuru nziza ari ngirakamaro?
2 Igituma ari ngirakamaro: Udupapuro tw’inkuru nziza dufise amashusho ariko amabara kandi turaryoheye ijisho. Ubutumwa buri muri two burakora ku mutima kandi burigisha. Turorohera abantu usanga batinya kwakira ikinyamakuru canke igitabu. Udupapuro tw’inkuru nziza turoroshe gushikiriza, mbere no ku bamamaji bashasha canke abana. Vyongeye, udupapuro tw’inkuru nziza usanga ari dutoyi kandi turatworohera gutwara.
3. Niwigane ikintu wiboneye canke ciganywe mu bisohokayandikiro vyacu cerekana agaciro k’udupapuro tw’inkuru nziza.
3 Hari abatari bake bamenye ukuri ari bwo bwa mbere biciye ku gapapuro k’inkuru nziza. Nk’akarorero, hari umugore umwe wo muri Hayiti yabonye kamwe mu dupapuro twacu tw’inkuru nziza mw’ibarabara. Yaragatoye, aragasoma, maze aca avuga atangaye ati: “Ndubuye ukuri!” Amaherezo, yaragiye ku Ngoro y’Ubwami, aratangura kwiga Bibiliya, maze arabatizwa, ivyo vyose bikaba vyavuye ku bubasha bw’Ijambo ry’Imana bwari mu gapapuro k’inkuru nziza.
4. Igihe udupapuro tw’inkuru nziza ari two twogushikiriza mu kwezi, intumbero yacu iba ari iyihe?
4 Inzu ku nzu: Kubera ko udupapuro tw’inkuru nziza ari igikoresho ngirakamaro mu kwamamaza, rimwe na rimwe tuzoza turashirwa mu rutonde rw’ibishikirizwa mu kwezi, guhera muri Munyonyo. Intumbero yacu si iyo gupfa gutanga udupapuro tw’inkuru nziza, ahubwo ni iyo kudukoresha mu gutanguza ibiyago. Iyo hari uwushimishijwe igihe tumugendeye ari bwo bwa mbere canke igihe dusubiye kumugendera, twoshobora kumwereka ukuntu inyigisho ya Bibiliya igirwa dukoresheje igitabu Ivyo Bibiliya yigisha canke ikindi gisohokayandikiro c’ukwiga. Dushobora gute none gushikiriza udupapuro tw’inkuru nziza inzu ku nzu? Udupapuro tw’inkuru nziza ntidusa, akaba ari co gituma dukeneye kumenya ibiba biri mu two tuba turiko turashikiriza.
5. Twoshikiriza gute udupapuro tw’inkuru nziza inzu ku nzu?
5 Ukuntu dushikiriza utwo dupapuro tw’inkuru nziza bikwiye kuvana n’icibare cacu be n’agapapuro k’inkuru nziza tuba turiko turashikiriza. Turashobora gutanguza ikiyago mu guha umuntu agapapuro k’inkuru nziza. Igipfukisho cako gikwegera kirashobora gutuma uwo muntu ashimishwa. Canke turashobora kwereka umuntu udupapuro tw’inkuru nziza twinshi maze we nyene akihitiramwo utumushimisha. Igihe tuba turiko turakorera mu cibare abantu batinya kwugurura umuryango, turashobora gufata agapapuro k’inkuru nziza ku buryo umuntu aca abona igipfukisho cako, canke turashobora kumusaba niba twocisha akantu munsi y’umuryango maze akagira ico akavuzeko. Niba umutwe w’ako gapapuro k’inkuru nziza ari ikibazo, twoshobora kumusaba kugira ico akivuzeko. Canke turashobora kwiyumvira ikibazo kivyura ugushimishwa kandi gituma haba ikiyago. Twoshobora gusomera hamwe n’uwo muntu agahimba kanaka ko muri ako gapapuro, tukaza turahagarara ahari utubazo maze tukamusaba ko yogira ico atuvuzeko. Ivyanditswe nyamukuru dukwiye kubisoma muri Bibiliya. Tumaze kurimbura amayagwa makeyi, twosozera ico kiganiro maze tugaca tuvugana umusi tuzogarukirako. Niba mw’ishengero turimwo dusanzwe dusiga ibinyamakuru ku mihana dusanze atari ho bari, turashobora gusiga kuri iyo mihana agapapuro k’inkuru nziza, aho abahita badashobora kukabona.
6. Twokoresha gute udupapuro tw’inkuru nziza mu kwamamaza kw’ibarabara?
6 Kwamamaza kw’ibarabara: Woba umaze gukoresha udupapuro tw’inkuru nziza igihe wamamaza kw’ibarabara? Hari abahita usanga bihuta maze ntibemere guhagarara ngo baganire natwe. Ushobora gusanga bitoroshe kumenya niba bashimishijwe vy’ukuri. Aho kubaha ibinyamakuru biheruka gusohoka kandi tutazi ko bazobisoma, ubwo ntitwopfuma tubaha agapapuro k’inkuru nziza? Kubera ko igipfukisho cako usanga gikwegera kandi ubutumwa buri muri ko bukaba ari bukeyi, kuba abantu bipfuza kumenya utuntu n’utundi birashobora gutuma igihe batsitaye ku kanya baca basoma ako gapapuro. Ariko ntiwumve, igihe batihuta, turashobora kuganira na bo bimwebimwe mu biri muri ako gapapuro k’inkuru nziza.
7. Niwigane ivyabonywe vyerekana ingene twokoresha udupapuro tw’inkuru nziza mu kwamamaza akaryo kizanye.
7 Kwamamaza akaryo kizanye: Biroroshe kwamamaza akaryo kizanye dukoresheje udupapuro tw’inkuru nziza. Hari umuvukanyi umwe ashira dukeyi mu mupfuko igihe cose avuye muhira. Ahuye n’umuntu, nk’akarorero umudandaza, aca gusa amusaba niba yomuha akantu ko gusoma, agaca amuha agapapuro k’inkuru nziza. Igihe abubakanye bamwe bagira baje mu gisagara ca New York kuratira ijisho ibibanza bimwebimwe, barabonye ko baza guhura n’abantu bo mu bihugu bitandukanye. Baciye rero bajana ka gatabu Une bonne nouvelle pour des gens de toutes nations (Inkuru nziza ku bantu bo mu mahanga yose) be n’udupapuro tw’inkuru nziza tutari duke two mu ndimi zitandukanye. Rero, bumvise umuntu ariko avuga urundi rurimi, yaba uwuriko aradandaza utuntu iruhande y’ibarabara canke uwicaye iruhande yabo aho bisamariza canke mw’iresitora, baca bamuha agapapuro k’inkuru nziza mu rurimi rwiwe.
8. Ni mu buryo ki udupapuro tw’inkuru nziza tugereranywa n’imbuto?
8 “Biba imbuto yawe”: Udupapuro tw’inkuru nziza twoshobora kugereranywa n’imbuto. Umurimyi apfa kumija imbuto kubera ataba azi izizonaga. Mu Musiguzi 11:6 havuga hati: “Mu gitondo, biba imbuto yawe, kandi gushika ku mugoroba ntureke ukuboko kwawe ngo kuruhuke; kuko utazi aho bizokunda, ko ari aha canke hariya, canke nimba hompi hazoba heza cokimwe.” Ku bw’ivyo, ese ‘twoguma dukwiragiza ubumenyi’ dukoresheje ico gikoresho ngirakamaro co kwamamaza.—Imig. 15:7.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 3]
Kubera ko udupapuro tw’inkuru nziza ari igikoresho ngirakamaro mu kwamamaza, rimwe na rimwe tuzoza turashirwa mu rutonde rw’ibishikirizwa mu kwezi, guhera muri Munyonyo