ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 10/09 rup. 4
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ivyo bijanye
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
  • Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
    Igikorwa dukorera Ubwami—2009
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2009
km 10/09 rup. 4

Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru

Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga

“Abantu bamwebamwe bavuga ngo igihe turi abizigirwa ku Mana, na yo ica iduhezagira mu kuduha amatunga, mugabo ngo iyo umuntu akenye aba ari icerekana ko adatoneshwa n’Imana. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Igitangaje, Yezu ntiyari atunze. [Soma Luka 9:58.] Iki kinyamakuru kirerekana imihezagiro abasavyi b’Imana bashobora kwitega.”

Réveillez-vous! Nyakanga

“Woba wibaza ko abakiri bato bafise ingorane nyinshi muri iki gihe kuruta uko vyari bimeze mu myaka yaheze? [Rindira yishure.] Abantu benshi babona ko ivyo uyu murongo uvuga ari ivy’ukuri muri kino gihe. [Soma 2 Timoteyo 3:1.] Iki kinyamakuru kirerekana ingingo ngenderwako ngirakamaro zimwezimwe zo muri Bibiliya zofasha abavyeyi n’abakiri bato kuvyifatamwo neza.”

Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga

“Abantu benshi babona ko inkuru yerekeye Adamu na Eva ivugwa mw’Itanguriro ari igitito. Abandi na bo bemera ko Adamu na Eva babayeho vy’ukuri. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba ico Yezu yabavuzeko. [Soma Mariko 10:6-9.] Iki kiganiro kiratanga ibimenyamenya kikongera kigasigura igituma ivyo twemera biri n’ico bivuze.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.

Réveillez-vous! Nyakanga

Soma 1 Yohani 4:8. Nuce uvuga uti: “Abantu bamwebamwe bemera ko ngo Imana ibabariza ibihe bidahera inkozi z’ikibi mu muriro udahera. Abandi na bo babona ko iciyumviro nk’ico giteye kubiri na bimwe duhejeje gusoma. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya yigisha kuri ico ciyumviro.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika