Ico twovuga ku vyerekeye ibinyamakuru
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
“Abantu bamwebamwe bavuga ngo igihe turi abizigirwa ku Mana, na yo ica iduhezagira mu kuduha amatunga, mugabo ngo iyo umuntu akenye aba ari icerekana ko adatoneshwa n’Imana. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Igitangaje, Yezu ntiyari atunze. [Soma Luka 9:58.] Iki kinyamakuru kirerekana imihezagiro abasavyi b’Imana bashobora kwitega.”
Réveillez-vous! Nyakanga
“Woba wibaza ko abakiri bato bafise ingorane nyinshi muri iki gihe kuruta uko vyari bimeze mu myaka yaheze? [Rindira yishure.] Abantu benshi babona ko ivyo uyu murongo uvuga ari ivy’ukuri muri kino gihe. [Soma 2 Timoteyo 3:1.] Iki kinyamakuru kirerekana ingingo ngenderwako ngirakamaro zimwezimwe zo muri Bibiliya zofasha abavyeyi n’abakiri bato kuvyifatamwo neza.”
Umunara w’Inderetsi 1 Nyakanga
“Abantu benshi babona ko inkuru yerekeye Adamu na Eva ivugwa mw’Itanguriro ari igitito. Abandi na bo bemera ko Adamu na Eva babayeho vy’ukuri. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Raba ico Yezu yabavuzeko. [Soma Mariko 10:6-9.] Iki kiganiro kiratanga ibimenyamenya kikongera kigasigura igituma ivyo twemera biri n’ico bivuze.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 12.
Réveillez-vous! Nyakanga
Soma 1 Yohani 4:8. Nuce uvuga uti: “Abantu bamwebamwe bemera ko ngo Imana ibabariza ibihe bidahera inkozi z’ikibi mu muriro udahera. Abandi na bo babona ko iciyumviro nk’ico giteye kubiri na bimwe duhejeje gusoma. Wewe uvyibazako iki? [Rindira yishure.] Iki kiganiro kirerekana ico Bibiliya yigisha kuri ico ciyumviro.” Numwereke ikiganiro gitangurira ku rupapuro rwa 10.