ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • km 7/10 rup. 1
  • Ikintu dushira imbere y’ibindi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ikintu dushira imbere y’ibindi
  • Igikorwa dukorera Ubwami—2010
  • Ivyo bijanye
  • Woba uriko urarangura ubusuku bwawe bimwe bishitse?
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Ni ibiki ushira imbere y’ibindi?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
  • ‘Dukurikire neza intambuko ziwe’
    Igikorwa dukorera Ubwami—2008
  • Ubusuku bwa gikirisu ni co gikorwa nyamukuru tujejwe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2003
Ibindi
Igikorwa dukorera Ubwami—2010
km 7/10 rup. 1

Ikintu dushira imbere y’ibindi

1. Yezu yerekanye gute ko ubusuku bwari buhambaye kuri we?

1 Ubusuku ni co kintu Yezu yashira imbere y’ibindi. Yaritanze atiziganya, aragenda ibilometero amajana n’amajana irya n’ino muri Palesitina kugira abwire ubutumwa abantu benshi bashoboka. Yagumye yoroheje ubuzima bwiwe kugira ngo ahebere umwanya munini ubusuku yongere abwitwararike. (Mat. 8:20) Igihe amasinzi yagerageza kumufatira kugira ngo abakirize abarwaye, yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha n’ibindi bisagara inkuru nziza y’ubwami bw’Imana, kubera ko ico ari co natumwe.”—Luka 4:43.

2. Ni kubera iki ubusuku bwari buhambaye cane kuri Yezu?

2 Ni kubera iki ubusuku bwari buhambaye cane kuri Yezu? Icamuraza ishinga kuruta ibindi vyose kwari ukwezwa kw’izina rya Yehova. (Mat. 6:9) Yarakunda Se wiwe wo mw’ijuru, ivyo bigatuma yipfuza gukora ivyo agomba no kugamburuka amategeko yiwe yose. (Yoh. 14:31) Vyongeye, yaritwararika abantu bimwe bivuye ku mutima kandi yaripfuza kubafasha.—Mat. 9:36, 37.

3. Twokwerekana gute ko ubusuku ari co kintu dushira imbere y’ibindi?

3 Twigane Yezu: Kugumiza ubusuku imbere y’ibindi nk’uko Yezu yabigize birashobora kuba urugamba kubera yuko isi irimwo ibintu vyinshi bidutwara umwanya n’ibisamaza vyinshi. (Mat. 24:37-39; Luka 21:34) Ku bw’ivyo, dutegerezwa kwiyemeza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo, tugategekanya umwanya wo kwitegurira igikorwa co kwamamaza kandi tukakigiramwo uruhara tudahorereza. (Flp. 1:10) Turihatira kuguma dufise ubuzima bworoheje, tukirinda gukoresha isi rwose.—1 Kor. 7:31.

4. Ni kubera iki muri iki gihe bihambaye ko tugumiza imbere ibikwiye kuja imbere?

4 Igihe umwanya ari mutoyi, umuntu azi ubwenge aca ashinga ibija imbere y’ibindi ivyo ari vyo. Nk’akarorero, igihe amenye ko igihuhusi gikaze kiriko kiregereza, umwanya wiwe n’inguvu ziwe yoca abikoresha canecane mu gutegura ingene umuryango wiwe worokoka no mu kuburira ababanyi biwe. Ibikorwa bidahambaye yoba aravyihoza. Igihe gisigaye imbere y’uko igihuhusi ca Harumagedoni gishika ni gito. (Zef. 1:14-16; 1 Kor. 7:29) Kugira ngo twikize twongere dukize n’abatwumviriza, dutegerezwa kwama twiyubara ubwacu no ku vyo twigisha, haba mw’ishengero canke inyuma yaryo. (1 Tim. 4:16) Egome, ukurokoka kwacu guhagaze ku kuba dushira imbere ubusuku bwacu!

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika