Ibinyamakuru vyacu bigenewe gushimisha abantu batandukanye
1. Wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge wigana gute intumwa Paulo?
1 Nka kurya nyene intumwa Paulo yahindura uburyo yakoresha mu gushikiriza inkuru nziza kugira ngo aronke “abantu b’uburyo bwose,” wa mugwi w’umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge urakoresha ibinyamakuru vyacu kugira ngo ushikire abantu bo mu mico kama itandukanye kandi bemera ibintu bitari bimwe. (1 Kor. 9:22, 23) Kugira ngo dushobore gukoresha neza Umunara w’Inderetsi na Be maso! turakwiye kuguma twibuka abagenewe ivyo binyamakuru abo ari bo.
2. Be maso! igenewe gushimisha bande?
2 Be maso!: Iki kinyamakuru kigenewe gushikira abantu bameze nk’abo intumwa Paulo yabwira igihe yariko arashikiriza insiguro “abagabo b’i Atene.” (Ivyak. 17:22) Abo bagabo bari barakuriye ahantu hatigishwa ivy’ubukirisu, kandi ntibatahura Ivyanditswe. Muri ubwo buryo nyene, abantu Be maso! igenewe usanga bazi ibintu bike kuri Bibiliya canke ata vyo bazi. Boshobora kuba ata co bazi ku bijanye n’inyigisho za gikirisu, bagashobora kuba hari ukuntu batizigira idini, canke bagashobora kuba batazi yuko Bibiliya ifise akamaro. Intumbero nyamukuru ya Be maso! ni iyo kujijura abayisoma yuko hariho Imana y’ukuri. Ico kinyamakuru gifise kandi ihangiro ryo gutuma uwugisoma yizera Bibiliya no kumufasha gutahura yuko Ivyabona vya Yehova batandukanye n’ayandi madini.
3. Integuro imwimwe yose y’Umunara w’Inderetsi igenewe bande?
3 Umunara w’Inderetsi: Abo integuro ya bose y’ico kinyamakuru yagenewe usanga bubaha Imana be n’Ivyanditswe ku rugero runaka. Usanga hari ibintu bimwebimwe vyo muri Bibiliya bazi mugabo bakaba badatahura neza inyigisho ziri muri yo. Bameze nka bamwe Paulo yavuga ko “[ba]tinya Imana.” (Ivyak. 13:14-16) Integuro yo kwiga y’Umunara w’Inderetsi yandikirwa ahanini Ivyabona vya Yehova. Paulo yavuze yuko abǎsoma amakete yiwe bari bamenyereye Ivyanditswe be n’uko bari bafise ubumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri. (1 Kor. 1:1, 2) Muri ubwo buryo nyene, ibiganiro vyo mu nteguro yo kwiga vyandikirwa abitaba amakoraniro yacu bakaba kandi bamenyereye imvugo n’inyigisho z’Ivyabona.
4. Ni kubera iki dukwiye kumenya ibivugwa muri kimwekimwe cose mu binyamakuru dukoresha mu ndimiro?
4 Naho mu bisanzwe ivyo binyamakuru tubitangira rimwe, akenshi tugira ico tuvuze kuri kimwe gusa igihe tubishikiriza. Ku bw’ivyo, niwishingire umugambi wo kumenya ibivugwa muri kimwekimwe cose. Uzoheza rero ube uwushoboye kugira ico uvuze ku bintu bizoshimisha abo muhura.